Ihimbazwa rya yubile y'imyaka 50 muri Paruwase Karinzi
Date de publication: 20/2/20183838 Vues Publié par : NIBITANGA Michel
Kuri uyu musi wa yubile, murahejeje kwinjira isengero mwiyubakiye, ariko haracari ikindi mugikeneye kubandanya mwubaka; kwubaka imitima ya bene wanyu, kwubakana, gutezanya imbere, kugendera ubuntu n'ubukristu" (Musenyeri Anatole Ruberinyange)
Abakristu bo muri Paruwase Karinzi barahimbaje yubile y'inzahabu, bongera binjira icese isengero yabo ihegagirwa, hari kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 5 Mukakaro. Inkuka y'imisa yari irongowe n'icariho c'Umwungere wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, Musenyeri Anatole Ruberinyange, ari kumwe n'icariho c'Umwungere muri Vikariya ya Bujumbura, Patiri Innocent Thibaut Ndoreraho, na Patiri mukuru wa Paruwase, Severino Butoyi, abasaserdoti b'imvukira za Paruwase, abasaserdoti bajejwe ubutumwa butandukanye muri Diyoseze, abihebeye Imana, abayobozi mu nzego zo hejuru z'igihugu c'Uburundi, n'abakristu isinzi.
Ibirori vyatangujwe n'urugendo rweranda rugana mu rwinjiriro rw'isengero, ahabereye umugirwa w'ugushikiriza Patiri mukuru imfunguzo z'Isengero nshasha ya Paruwase, ukuyugurura, ukuyihezagira n'ukuyinjira icese. Imfunguzo z'isengero zatanzwe n'uwari arongoye komite yahagarariye ibikorwa vy'urwubako, umushingamateka ZĂ©non Ndaruvukanye. Yazihaye Musenyeri Anatole Ruberinyange, uyu na we azishikiriza icese patiri mukuru wa Paruwase, mu gushikiriza rino jambo:

"Uru rufunguzo rw'iyi sengero ndarushikirije uwuserukira Umwungere wa Diyoseze muri Paruwase Karinzi, n'abo bafashanya ubutumwa; azohore yugururira abakristu,  ntibacure n'umwe azoshobora gusabira, ahubwo bazovotore vya vyiza vy'Imana, bwa bweranda...; baze baharonkere amasakramentu, bahagaburirwe ijambo ry'Imana, batagatifuzwe, bayoborwe neza, baroranirwe ku mubiri no ku mutima". 
Inyuma y'ihezagirwa ry'isengero nshasha ya Paruwase iheruka kubakwa, inyuma kandi 'iryo yinjirwa icese muri iyo ngoro y'Imana, inzamba ya yubile yarasamiranye, ururirimbo rwa yubire na rwo rurashirwa mu gahogo, n'ijambo ry'umusi rirashikirizwa. 
Patiri mukuru wa Paruwase, Patiri Severino Butoyi, amaze guha ikaze abashitsi n'abatumire, yaramenyesheje abari aho kahise ka Paruwase Karinzi, ati: "Iyi ngabire ya Paruwase tugabanye yabonetse mwaka w'1967, itangujwe n'Umuryango w'abamisiyonari bera ba Afrika." Yaboneyeho gusigura ko iyi yubile yari kuba yahimbajwe mu mwaka uheze w'2017, ariko bakaba babanje kubangira ngo urwubako ruhere. Yaciye aboneraho gukengurukira abagize ico baterera bose kugira ngo urwubako rushoboke, guhera ku bakristu bo mu Karinzi nyene, imvukira za Paruwase zirangurira imirimo mu yindi mihingo, Leta y'Uburundi, ishirahamwe Rainbow Mining Burundi ryaterereye amabati, abakristu barinze isima n'amahera ku gatwe kabo, be n'abaterereye ibisabisho. Yabandanyije amenyesha ko urwubako rwatanguye neza na neza kw'itariki 8 Rusama 2014. Abasaserdoti bagiye barakurakuranwa mu gushira mu ngiro uwo mugambi na bo bakaba ari Patiri Janvier Gateretse, Patiri Jacques, na Patiri Severino Butoyi nyene.

Mu nsiguro y'ijambo ry'Imana ryisunzwe mu Nkuka y'imisa, be no mu nsiguro y'umusi nyene yashikirijwe n'icariho c'Umwungere wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, Musenyeri Anatole Ruberinyange yibukije imvo n'imvano y'ihimbazwa rya yubile muri Ekleziya. Ngo vyose vyatanguye mu gihe isi yari mu bihe vy'indwano z'urutavanako, mu myaka y'1300, aho abakristu baravye amatati yari mu bihugu vyinshi vyo kw'isi, bakabona ko umwanya n'umwanya umuhero w'isi ushobora kubashikako giturumbuka, maze baca bigira inama yo gushinga yubile ngo kabe akaryo ko kugira utwigoro tw'ugutera intambwe mu bweranda, ugusaba Imana ikigongwe. Ngo aba mbere batanguye bahimbariza yubile ku myaka 100, kuko ngo inyuma yayo ata vyizigiro vy'ukubaho vyariho, ngo umuntu abe yosubira kuronka akandi karyo ko gusaba ikigongwe Imana bigishoboka ko avuga. Mu nyuma bahavuye bafatira ku myaka 50, ubu na ho na yubile z'imyaka 25 zikaba zikorwa.
Nk'uko Musenyeri Anatole Ruberinyange yabitomoye, ngo mu guhimbaza yubile kari akaryo ko kwitegura ku mutima, gusaba ikigongwe Imana bigishoboka, umuntu akabohoka ku mutima, maze kubw'ako kigoro Imana ikazosanga ameze neza. Ni na co gituma umwaka wa yubile ufatwa nk'umwaka mweranda, kuko ari umwaka w'ukuronkamwo ikigongwe n'ugutera imbere mu bweranda. Ni ho Musenyeri Anatole Ruberinyange yabwira abakristu bo mu Karinzi ati: "Kuri uyu musi wa yubile, murahejeje kwinjira isengero mwiyubakiye, ariko haracari ikindi mugikeneye kubandanya mwubaka; kwubaka imitima ya bene wanyu, kwubakana, gufatana mu nda, gutezanya imbere, kugendera ubuntu n'ubukristu."

Muri iyo Nkuka y'imisa, hariho n'iyindi migwi y'abakristu yashimye kwifatanya na Paruwase mu guhimbaza yubile yabo. Abo na bo ni abagize ingo zikwije imyaka 50 zubatse rukristu, abarumije iyo myaka nyene baronse isakramentu ry'ibatisimu, be n'abahurikiye mu mihari n'imigwi bo muri Paruwase bamaze iyo myaka barangura ubutumwa bwabo muri Ekleziya. Bashikaniye Umukama amashikanwa yabo y'ishimwe bongera barahezagirirwa amasanamu. 
Abandi basangiye ibirori na Paruwase ni abashikirijwe ibanga ry'ubusangiji. Umugwi w'abasangiji bashika 36 barinjijwe na Musenyeri muri iryo banga ngo bazohore basangiza bene wabo ku mfungurwa nyeranda y'Umukama. Aba bazohora bafasha abasaserdoti bo muri Paruwase Karinzi gusangiza ukaristiya, haba mu Nkuka y'imisa canke mu gushira iyo mfungurwa y'ubuzima abazoba bakitswe n'amagara badashobora kwishikira mw'isengero. 
Mu mwanya w'amajambo y'ibirori, uwaserukiye Leta y'Uburundi, Umushingamateka Pasikali Nyabenda, ari na we arongoye Inama Nshingamateka, yakeje abakristu bo mu Karinzi kuri iyo myaka Paruwase yabo imaze ivutse. Yabandanyije avuga ko iyo myaka yose y'ubuzima bwa Paruwase atari mike, uravye ivyo abakristu baba barahuye na vyo muri ico kiringo cose. Ku bijanye n'urwubako na vyo, yarashimye ukuntu abo bakristu berekanye ko bashize inguvu hamwe bashoboye, ati: "Ico nkengurutse uyu musi ni uyu mutima wo gushira hamwe kugira ngo mwiyubakire inyubakwa zitandukanye, harimwo n'ingoro y'Imana; ikini co twari twarabuze, kuko inyubakwa nk'iyi kera yubakwa ari uko harinze gusabwa imfashanyo i Vatikano n'ahandi"

Umushingamateka Pasikali  Nyabenda yaboneyeho no gusaba Ekleziya y'Uburundi ko haruhande y'ijambo ry'Imana risanzwe ryigisha, ibikorwa vyayo vyobandanya bijana n'ibikorwa vy'iterambere, paruwase zikabera itara rumurikira mw'iterambere  ababa mu micungararo yayo. Ngo Ekleziya yoshiraho indinganizo z'ukwegeranya abanyagihugu mu gushigikira imigambi ya Leta, na cane cane igashimikira ku rwaruka. Uru ngo rwokwigishwa imyuga yo kwiteza imbere, rukanigishwa n'ukuntu ruzorondoka ku rugero hageze ko rwubaka, kuko ku bwiwe ngo igwirirana ry'abantu riri mu bibera intambamyi iterambere. 
Ibirori vyarangiye mu kanyamuneza ntangere, aho abakristu baririmba, bakavuza inanga n'ingoma, bongera batamba, aho hose bigina ivyiza Imana yabagabiye mu myaka 50 bamaze baninahariza Umukama mu Karinzi, bongera batamarira Ingoro y'Imana bagabanye. Eka, uwo munezero wanibonekeza ku maso y'abari ngaho bose, kuko mbere hanatanzwe n'udushimwe tutari duke ku bitangiye ibikorwa vy'urwubako gusumba abandi, mu nyuma na ho bagahava baja kwiyuha icuya, bongera biginana.

Twobamenyesha ko Paruwase Karinzi iherereye muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, komine Mutambu, mu misozi ihanamiye igisagara c'umurwa mukuru w'Uburundi, mu ntara kama yo mu mirwa, ikaba igizwe n'amakomine ya Mutambu, Kabezi na Muhuta. Paruwase Karinzi ifise icivugo ngo: "Noba ndarwiciriye ntamenyesheje inkuru nziza" (1Kor.6,19).
Michel NIBITANGA
Commentaires
Recherche
Horaire des Messes
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Parole de Dieu
Avez-vous une question?
Faire un Don
Tweets de CEDICOM
Tweets du Pape
Posts de CEDICOM
134 Visiteurs en ligne
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Nos contacts
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Inscription Ă  la newsletter
Posez une question
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Faites un don au Diocèse* Caritas pour les vulnérables* Formation des Séminaristes et des catéchistes* Construction des Eglises dans les Succursales* Soutien aux prétresModalités de donationTransfert sur un compte de l'ArchidiocèseEn francs burundais : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)En Dollar américain : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIEn Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI