Intumbero y'iyo nama yari iy'ukwinjira mu mategeko ayigenga, kugira ngo abayigize batangure ubutumwa bazi neza ico bajejwe; Patiri Agathon Gahungu, umushitsi wa Paruwase, akaba ari we yayiremesheje
Inama ntunganyabutumwa yo muri paruwase yitiriwe Ana Mweranda yo ku Musaga yakoranye ubwa mbere, ku musi wa kabiri igenekerezo rya 8 Ruheshi 2021. Iyo nama yari irongowe n'umukuru wayo, Patiri Sept Désiré Remesha, asanzwe ari na we arongoye iyo Paruwase, nka patiri mukuru.Nk'uko vyamenyeshejwe na patiri mukuru wa paruwase Musaga, Patiri Sept Désiré Remesha, intumbero y'iyo nama yari iy'ugusubira kwinjira mu mategeko agenga inama ntunganyabutumwa, kugira ngo abayigize batangure ubutumwa bazi neza ico bajejwe. Ni ku bw'iyo mvo mbere iyo nama yari yatewe iteka n'umutumire, Patiri Agathon Gahungu, akaba ari na we yasiguriye abari muri iyo nama ingingo nkuru nkuru zigize ayo mategeko.
Mu gusigura ingingo nkuru nkuru zigize ayo mategeko, Patiri Agathon Gahungu yahereye ku nkomoko y'ayo mategeko, aho yavuze ko afise inkomoko mu nama ya Vatikano-II, kuko ngo ari ho hafashwe ingingo nshasha y'uko aba-Kristu b'abalayike bogira ikibanza kiboneka mw'itunganywa ry'ubutumwa n'iterambere rya Ekleziya. Ku bw'ivyo, itegeko rya Vatikano-II ngo rikaba rivuga ingene inama ntunganyabutumwa ya paruwase itunganijwe.
Uwo musaserdoti yaciye agirako yibutsa ubutumwa bw'umukristu w'umulayike muri Ekleziya, n'ubutumwa bwiwe mw'isi, ni ukuvuga aho aba (mu kibano no mu kazi kiwe ka misi yose).
Ni ho uwo musaserdoti yaca rero aduga kw'ijambo, agaheza akigisha mw'ido n'ido ibiri mu mategeko mashasha agenga inama ntunganyabutumwa zose z'amaparuwase agize Diyoseze Nkuru ya bujumbura. Mu nsiguro yatanze, akaba yarashimikiye cane ku butumwa bw'abagize inama ntunganyabutumwa, akaranga k'abayigize, hamwe n'ingene iyo nama ikora. Abitavye iyo nama na bo nyene bararonse akanya k'ukubaza ivyo batategereye neza, kugira ngo baronke umuco ukwiye.
Inyuma y'ukwihweza ayo mategeko, Patiri mukuru wo ku musaga, atiri Sept Désiré Remesha, yaciye asubira arafata ijambo, ngo amenyeshej ubu na ho uko imigwi y'ibikorwa abo banyenama bazokoreramwo itunganijwe.
Mu tuntu n'utundi na ho nyene haravuzwe ibitari bike, ahanini bijanye n'ubuzima bwa Paruwase, aho hasabwe ko abo banyenama bosabira ku Mukama abitegurira kugabana ibanga ry'ubusaserdoti, be n'abitegurira gutera intambwe zikomeye mu buzima-bwihevyi.
Tubibutse ko iyo nama ntunganyabutumwa yagiyeho vuba, hisunzwe amategeko mashasha agenga inama mpanuzwajambo z'amaparuwase agize Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, ikaba igizwe n'abanyenama 32. Tubibutse kandi ko abo banyenama ntunganyabutumwa baheruka kurungikwa mu butumwa vuba, hari kw'idoominika iheze, aho hahimbazwa umusi mukuru wa Pantekoti, mu birori vyabereye mu misa ya kabiri.
Madeleine Katabarumwe, paruwase Musaga