Ni vyiza kumenya ibitabu Abaporotesanti bita ibihishije, Abakatolika na bo bakavyita ivyashizwe mu rutonde ubwa kabiri, kubera impari zabanje kuhaba imbere y'uko vyemerwa na bose
Mu gihe muri Ekleziya Katolika, uku kwezi kwa Ruheshi kwahariwe Bibiliya Nyeranda, birakwiye ko abakristu, na cane cane abo muri Ekleziya imwe Nyeranda Katolika, yagenewe bose, kandi ishingiye ku Batumwa, bamenya itandukaniro riri hagati ya Bibiliya Nyeranda na Bibiliya Abaprotestanti bakoresha (Bibiliya Yera), kugira ngo bamenye iyo bakwiye kwizera cane gusumba iyindi, mu gihe baba bashaka kuzirikana Ijambo ry'Imana.
Dushimye kuvuga kuri iki ca Bibiliya ikwiye kwemerwa hagati ya Bibiliya Nyeranda na Bibiliya Abaprotestanti bakoresha, dufatiye ku mpari zikunda kwibonekeza hagati y'abagize amadini atandukanye y'abemera Kristu, impari zibaho kubera ko urutonde rw'ibitabu bigize izo Bibiliya uko ari zibiri usanga atari rumwe.
Nta n'umwe ayobewe ko Bibiliya ari co gitabu kw'isi yose kirusha ibindi gushika kure no gusomwa henshi, gushirwa mu ndimi nyinshi zo kw'isi kikaba n'igitabu giha ivyiyumviro abantu b'imico itandukanye. Mbere nka Papa Paulo-VI wewe yaranashikanye Izabuli y'8 no ku kwezi, abicishije ku bantu bagiyeyo ubwa mbere, kw'igenekerezo rya 21 Mukakaro 1969.
Bibiliya rero ni igitabu gihambaye, cane cane ku bemera ko ari igitabu c'ijambo ry'Imana. Ni na co abakristu bavomamwo ukwemera, bamurikiwe n'inyigisho ngenderwako y'Ekleziya.
None ko mu bisanzwe vyari bibereye ko Bibiliya yisungwa yategerezwa kuba imwe, kandi ikemerwa na bose, mbere ikaba ngenderwako mu kwemera kw'Abakristu, vyoba vyaje gute ngo nk'iy'Abaprotestanti bakoresha, urutonde rw'ibitabu biyigize rube rutandukanye n'urwa Bibiliya Nyeranda Abakristu bo muri Ekleziya Katolika bakoresha?
Muri iyi nkuru, twisunze ijambo ry'intangamarara riri mu ntango y'ico gitabu ca Bibiliya Nyeranda nyene, ryanditswe n'Inama y'Abepiskopi Katolika b'i Burundi, kuva ku rupapuro rwa xiii gushika ku rupapuro rwa xxvii, turabashikiriza ibitabu vyo muri Bibiliya bitera impari abaprotestanti, n'igituma bitaboneka muri Bibiliya bobo bakoresha.
Mu bisanzwe, Bibiliya ni igitabu kirimwo ijambo ry'Imana rigenewe abantu bose. Ijambo «Bibiliya» rivuye mu rurimi rw'ikigreki, rigasigura «ibitabu mu bwinshi», canke «Icegeranyo c'ibitabu vyinshi».
Kuva nko mu kinjana ca gatatu inyuma ya Yezu Kristu, ni ho abanditsi b'abakristu, nka Klementi w'i Alesandriya na Olijene, batangura guha iryo zina Ibitabu Vyeranda vy'Abahebreyi n'Abakristu. Mu nyuma, iryo jambo ryarashizwe mu rurimi rw'Ikilatini, rirahava rivyara ijambo ry'urudende «Bibiliya», ni ukuvuga «Igitabu c'agakura».
Iryo jambo yamara nta na hamwe riri muri Bbiliya nyene. Amajambo akunda kuvugwamwo, kandi abantu bamenyereye, ni nka: «Inzandiko nyeranda», canke «Ubwuzure bwa Kera na Bushasha», akaba akoreshwa iyo umuntu ashaka kuvuga igitabu cose ca Bibiliya.
Bibiliya rero si igitabu kimwe, ahubwo ni icegeranyo c'ibitabu vyinshi. Ariko urutonde rero rw'ivyo bitabu vy'Inzandiko nyeranda zigize Bibiliya ni rwo rutari rumwe Bibiliya Nyeranda Abakristu bo muri Ekleziya Katolika bakoresha, na Bibiliya Yera Abaprotestanti bakoresha.
Tuvuze nka Bibiliya Nyeranda Abakristu bo muri Ekleziya Katolika bakoresha, urwo rutonde rugizwe n'ibitabu 46 vyo mu Bwuzure bwa Kera, n'ibindi bitabu 27 vyo mu Bwuzure Bushasha.
Ariko rero, Abahebereyi bobo, muri iyo Bibiliya bemera gusa ibitabu vy'imbere ya Yezu Kristu, ari vyo Abakristu bita Ubwuzure bwa Kera. Aha nyene ni na ho umuntu aheza agategerra aho itandukaniro hagati ya Bibiliya Nyeranda Abakristu bo muri Ekleziya Katolika bakoresha, na Bibiliya Yera Abaprotestanti bakoresha, rikomoka.
Abahebereyi bashira ivyo bitabu vyabo mu migwi itatu mikuru mikuru:
- Amategeko (Torah) agizwe n'ibitabu bitanu vyitirirwa Musa ari vyo: Amamuko, Ihunguka, Bene Levi, Iharura n'Ukwibutsa Amategeko;
- Abahanuzi (Nevi'im) bagabuwemwo ibice bibiri: Abahanuzi ba mbere (Nevi'im Rishonim) ari bo: Yozuwe, Abacamanza, 1-2 Samuweli, 1-2 Abami, hamwe n'Abahanuzi bo hanyuma (Nevi'im Aharonim) ari bo: Izaya, Yeremiya, Ezekiyeli kumwe n'Abahanuzi batobato 12 (Ozeya, Yoweri, Amosi, Abudiyasi, Yonasi, Mishe, Nahumu, Habakuki, Sofoniya, Hagayi, Zakariya na Malakiya).
- Izindi nzandiko (Ketubim): Amazaburi, yobi, Imigani, Ruti, Ururirimbo rw'agakura, koheleti, Ugucura intimba kwa Yeremiya, Esitera, Daniyeli, Esidarasi, Nehemiya 1-2, Ukwibutsa ivyabaye.
Ivyo Bitabu vyose uko ari 39 vyanditswe mu rurimi rw'igihebereyi, kiretse uduce tumwe tumwe twanditswe mu caramu. Muri urwo rutonde, Umusomyi wa Bibiliya wese arabona ko habuzemwo ibitabu vya Tobito, Yudita, 1-2 Abamakabe, Ubwitonzi, Mwene Siraki na Baruki kubera ko Abahebereyi batavyemera.
Ku vyerekeye Ubwuzure bwa Kera, abakristu batari mu kwemera kwuzuye kw'Ekleziya Katolika, bakunda kwitwa Abaporotesanti, bashimye gukurikiza urutonde rukoreshwa n'Abahebreyi, kikaba ari na co gituma Bibiliya zabo usanga ibitabu vya Tobito, Yudita, 1-2 Abamakabe, Ubwitonzi, Mwene Siraki na Baruki bitarimwo canke babishize ku ruhande.
Ni vyiza rero kumenya ivyo bitabu Abaporotesanti bita ibitazwi inkomoko, canke ibihishije, Abakatolika na bo bakavyita ivyashizwe mu rutonde ubwa kabiri, kubera impari zabanje kuhaba imbere y'uko vyemerwa na bose, kugira ngo babitandukanye n'ivyashizwe mu rutonde ubwa mbere ata mpari ziriwe zirahaba.
Marie Louise Nduwumukama, umutohozamuhagaro mu babikira bene Paulo