Kubera iki Bibiliya Nyeranda itandukanye na Bibiliya Abaprotestanti bakoresha?
Itariki: 11/6/2021Ababisomye 11424 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Ni vyiza kumenya ibitabu Abaporotesanti bita ibihishije, Abakatolika na bo bakavyita ivyashizwe mu rutonde ubwa kabiri, kubera impari zabanje kuhaba imbere y'uko vyemerwa na bose
Mu gihe muri Ekleziya Katolika, uku kwezi kwa Ruheshi kwahariwe Bibiliya Nyeranda, birakwiye ko abakristu, na cane cane abo muri Ekleziya imwe Nyeranda Katolika, yagenewe bose, kandi ishingiye ku Batumwa, bamenya itandukaniro riri hagati ya  Bibiliya Nyeranda na Bibiliya Abaprotestanti bakoresha (Bibiliya Yera), kugira ngo bamenye iyo bakwiye kwizera cane gusumba iyindi, mu gihe baba bashaka kuzirikana Ijambo ry'Imana.

Dushimye kuvuga kuri iki ca Bibiliya ikwiye kwemerwa hagati ya Bibiliya Nyeranda na Bibiliya Abaprotestanti bakoresha, dufatiye ku mpari zikunda kwibonekeza hagati y'abagize amadini atandukanye y'abemera Kristu, impari zibaho kubera ko urutonde rw'ibitabu bigize izo Bibiliya uko ari zibiri usanga atari rumwe.

Nta n'umwe ayobewe ko Bibiliya ari co gitabu kw'isi yose kirusha ibindi gushika kure no gusomwa henshi, gushirwa mu ndimi nyinshi zo kw'isi kikaba n'igitabu giha ivyiyumviro abantu b'imico itandukanye. Mbere nka Papa Paulo-VI wewe yaranashikanye Izabuli y'8 no ku kwezi, abicishije ku bantu bagiyeyo ubwa mbere, kw'igenekerezo rya 21 Mukakaro 1969.

Bibiliya rero ni igitabu gihambaye, cane cane ku bemera ko ari igitabu c'ijambo ry'Imana. Ni na co abakristu bavomamwo ukwemera, bamurikiwe n'inyigisho ngenderwako y'Ekleziya.

None ko mu bisanzwe vyari bibereye ko Bibiliya yisungwa yategerezwa kuba imwe, kandi ikemerwa na bose, mbere ikaba ngenderwako mu kwemera kw'Abakristu, vyoba vyaje gute ngo nk'iy'Abaprotestanti bakoresha, urutonde rw'ibitabu biyigize rube rutandukanye n'urwa Bibiliya Nyeranda Abakristu bo muri Ekleziya Katolika bakoresha?

Muri iyi nkuru, twisunze ijambo ry'intangamarara riri mu ntango y'ico gitabu ca Bibiliya Nyeranda nyene, ryanditswe n'Inama y'Abepiskopi Katolika b'i Burundi, kuva ku rupapuro rwa xiii gushika ku rupapuro  rwa xxvii, turabashikiriza ibitabu vyo muri Bibiliya bitera impari abaprotestanti, n'igituma bitaboneka muri Bibiliya bobo bakoresha.

Mu bisanzwe, Bibiliya ni igitabu kirimwo ijambo ry'Imana rigenewe abantu bose. Ijambo «Bibiliya» rivuye mu rurimi rw'ikigreki, rigasigura «ibitabu mu bwinshi», canke Â«Icegeranyo c'ibitabu vyinshi»

Kuva nko mu kinjana ca gatatu inyuma ya Yezu Kristu, ni ho abanditsi b'abakristu, nka Klementi w'i Alesandriya na Olijene, batangura guha iryo zina Ibitabu Vyeranda vy'Abahebreyi n'Abakristu. Mu nyuma, iryo jambo ryarashizwe mu rurimi rw'Ikilatini, rirahava rivyara ijambo ry'urudende «Bibiliya», ni ukuvuga «Igitabu c'agakura».

Iryo jambo yamara nta na hamwe riri muri Bbiliya nyene. Amajambo akunda kuvugwamwo, kandi abantu bamenyereye, ni nka: «Inzandiko nyeranda», canke Â«Ubwuzure bwa Kera na Bushasha», akaba akoreshwa iyo umuntu ashaka kuvuga igitabu cose ca Bibiliya.

Bibiliya rero si igitabu kimwe, ahubwo ni icegeranyo c'ibitabu vyinshi. Ariko urutonde rero rw'ivyo bitabu vy'Inzandiko nyeranda zigize Bibiliya ni rwo rutari rumwe Bibiliya Nyeranda Abakristu bo muri Ekleziya Katolika bakoresha, na Bibiliya Yera Abaprotestanti bakoresha.

Tuvuze nka Bibiliya Nyeranda Abakristu bo muri Ekleziya Katolika bakoresha, urwo rutonde rugizwe n'ibitabu 46 vyo mu Bwuzure bwa Kera, n'ibindi bitabu 27 vyo mu Bwuzure Bushasha.

Ariko rero, Abahebereyi bobo, muri iyo Bibiliya bemera gusa ibitabu vy'imbere ya Yezu Kristu, ari vyo Abakristu bita Ubwuzure bwa Kera. Aha nyene ni na ho umuntu aheza agategerra aho itandukaniro hagati ya Bibiliya Nyeranda Abakristu bo muri Ekleziya Katolika bakoresha, na Bibiliya Yera Abaprotestanti bakoresha, rikomoka.

Abahebereyi bashira ivyo bitabu vyabo mu migwi itatu mikuru mikuru:

- Amategeko (Torah) agizwe n'ibitabu bitanu vyitirirwa Musa ari vyo: Amamuko, Ihunguka, Bene Levi, Iharura n'Ukwibutsa Amategeko;

- Abahanuzi (Nevi'im) bagabuwemwo ibice bibiri: Abahanuzi ba mbere (Nevi'im Rishonim) ari bo: Yozuwe, Abacamanza, 1-2 Samuweli, 1-2 Abami, hamwe n'Abahanuzi bo hanyuma (Nevi'im Aharonim) ari bo: Izaya, Yeremiya, Ezekiyeli kumwe n'Abahanuzi batobato 12 (Ozeya, Yoweri,  Amosi, Abudiyasi, Yonasi, Mishe, Nahumu, Habakuki, Sofoniya, Hagayi, Zakariya na Malakiya).

- Izindi nzandiko (Ketubim): Amazaburi, yobi, Imigani, Ruti, Ururirimbo rw'agakura, koheleti, Ugucura intimba kwa Yeremiya, Esitera, Daniyeli, Esidarasi, Nehemiya 1-2, Ukwibutsa ivyabaye.

Ivyo Bitabu vyose uko ari 39 vyanditswe mu rurimi rw'igihebereyi, kiretse uduce tumwe tumwe twanditswe mu caramu. Muri urwo rutonde, Umusomyi wa Bibiliya wese arabona ko habuzemwo ibitabu vya Tobito, Yudita, 1-2 Abamakabe, Ubwitonzi, Mwene Siraki na Baruki kubera ko Abahebereyi batavyemera.

Ku vyerekeye Ubwuzure bwa Kera, abakristu batari mu kwemera kwuzuye kw'Ekleziya Katolika, bakunda kwitwa Abaporotesanti, bashimye gukurikiza urutonde rukoreshwa n'Abahebreyi, kikaba ari na co gituma Bibiliya zabo usanga ibitabu vya Tobito, Yudita, 1-2 Abamakabe, Ubwitonzi, Mwene Siraki na Baruki bitarimwo canke babishize ku ruhande.

Ni vyiza rero kumenya ivyo bitabu Abaporotesanti bita ibitazwi inkomoko, canke ibihishije, Abakatolika na bo bakavyita ivyashizwe mu rutonde ubwa kabiri, kubera impari zabanje kuhaba imbere y'uko vyemerwa na bose, kugira ngo babitandukanye n'ivyashizwe mu rutonde ubwa mbere ata mpari ziriwe zirahaba.

Marie Louise Nduwumukama, umutohozamuhagaro mu babikira bene Paulo
OdetteNi kubera iki ugiye kuri play story kugira téléchargement ya Bibiliya nyeranda baduha irya y'abaporoti? Twoshobora kuyironka gute?20/02/2024 isaha 13h59
Manirambona FrancineTurabashimiye cane ku muco mwiza muduhaye. Umukama abandanye abamurikira, namwe mumurikira abandi, twese tubere umuco abandi. Murakoze cane. Nanje ndakeneye Bibiliya Nyeranda mw'itelefone yanje.14/02/2024 isaha 11h55
Tuyisenge NadineGutahura ijambo ry'Imana.28/11/2023 isaha 21h50
MoĂŻse BASABOSEBonjour. Umuntu yoronka gute iyo Bibiliya Katolika mu kirundi ku bantu tutari mu gihugu? Hariho application yayo en ligne? Ndayikeneye cane. Muzoba mukoze vraiment.

31/07/2023 isaha 11h38
Niyonkuru DioniseMurakoze kuduha inyigisho z'inkoramutima. Nashaka mundonse Bibiliya Nyeranda muri terefone, iyo bandungikiye iri ku mpapuro, simenya uko uwushatse kuyisoma ayizingurura.05/06/2023 isaha 8h35
Nikomye Jean Marie VianneyNdakengurutse inyigisho. Bishobotse app ya Bibiliya Nyeranda mu kirundi vyoba vyiza cane!05/03/2023 isaha 21h33
adrien sibomanaMunandonse na Bibiliya Nyeranda yacu muri Téléphone...!12/02/2023 isaha 9h42
Adrien SibomanaNdipfuza ko mwoja murandonsa izo nyigisho. WatsApp yanje ni 243970717566. Mundonse n'umufashabutumwa wa Radio Mariya, Jean Claude Niyonsaba. Mwoba Mukoze.12/02/2023 isaha 9h38
Harerimana ErnestTugire Kristu! Ndakengurutse cane kuri iyi nyigisho mudushikirije. Nanje ndatahuye impamvu Bibiliya twebwe aba Katorika dukoresha itandukanye cane n'iy'aba protestant bakoresha. Mwarahezagiwe!09/09/2022 isaha 17h02
Ndayizeye crescentImana ininahazwe mw'ijuru, kw'isi naho haze amahoro13/08/2022 isaha 10h12
NDIZEYIMANA JulesMurakoze cane kudutahuza!25/01/2022 isaha 13h35
DorineNagira nkenguruke bivuye ku mutima ku muco mutanze muri ino nkuru, kuko abakristu nibaza ko atari benshi bazi igituma canke inkomoko y'iri tandukanizo riri hagati y'aya ma Bibiliya ukwo ari abiri.
Umukama abahezagire cane!
07/09/2021 isaha 18h14
Ivyiyumviro

Aleluya. Yezu Kristu, Wewe cabona c’intahemuka, ari Wewe mfura y’abazuka mu bapfuye, uradukunda ukadukiza ibicumuro mu maraso yawe. Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 60-69)

Muri irya misi,

Bumvise aya majambo Yezu yavuze ati: «Uwurya umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje arafise ubuzima budahera.», benshi mu bigishwa biwe bavuga bati: «lyo mvugo iratugumiye, ni nde yoyemera?» Yezu yamara aca aramenya mu mutima wiwe ko abigishwa biwe bavyidogera, arababwira ati: «Ivyo birabatirimutsa? Hari akantu nimwabona Umwana w’umuntu aduze iyo ahora… Umutima ni wo ubeshaho, umubiri nta co umara. Amajambo nababwiye ni umutima n’ubuzima. Yamara muri mwebwe, harimwo bamwe batemera.» Na none Yezu kuva mu ntango yari azi abatemera n’uwari kumugusrisha. Arongera ati: «Ni co gituma ndababwiye ko ata woza iwanje, Data atabimuhaye.» Kuva ubwo, benshi mu bigishwa biwe baciye biyonjorora, ntibaba bakimugendanira.

Yezu rero abwira bamwe cumi na babiri ati: «Namwe, mushaka kwigira?» Simoni Petero aramwishura ati: «Mukama, turi bwirukire nde wundi? Ko ari wewe ufise amajambo y’ubuzima budahera. Tweho twaremeye kandi turazi ko uri Umweranda w’Imana.»

 

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 132
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI