Asozereye imyaka yiwe 65 yari Patiri mukuru wa paruwase Kanyosha, ariko abagiriwe ubuntu bw'ukumenyana na we ntibazibagira ubutekereji n'akanyamuneza vyiwe, be n'umwete mu kurangura ivyo ashinzwe
Inyuma y'imisi arengutse ku Muremyi wiwe yakoreye nk'umusaserdoti, umuhisi Patiri Thomas Mugirente, kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 16 Ruheshi 2021 ni ho yashinguwe. Imigirwa y'ukumusezera ubwa nyuma yabereye mu Nkuka y'Imisa yaherejwe kw'isengero ya Paruwase Katedrale Regina Mundi, imbere y'ukumushingura rukristu mw'itongo rishingurwamwo abasaserdoti n'abandi bihebeye Imana, itongo riri mu cibare gikukira Iseminari Nkuru ya Bujumbura. Iyo migirwa yose ikaba yasozerewe n'ukugirako n'uwundi mugirwa w'ikirundi w'uguguca ku mazi.
Inkuka y'imisa y'ukumuhereza Umukama yari irongowe na Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, kumwe n'abandi bepiskopi batatu, Nyenicubahiro Musenyeri Evariste Ngoyagoye, Umwepiskopi Mukuru w'inararibonye w'iyo Diyoseze, be na Musenyeri Joachim Ntahondereye, Umwepiskopi wa Diyoseze Muyinga, na Musenyeri Georges Bizimana, Umwepiskopi wa Diyoseze Ngozi, na Musenyeri Anatole Ruberinyange, Icariho gikuru c'Umwepiskopi Mukuru w'i Bujumbura.
Mu bari baje gusezerana iteka n'igisabisho uwo musaserdoti, harimwo kandi n'abasaserdoti isinzi bahora basangiye na we ibanga ry'ubuherezankuka, kumwe n'abafurera n'ababikira bo mu miryango itandukanye irangurira ubutumwa muri iyo Diyoseze. Mu bandi bari baje kumusezera harimwo ahanini abagize umuryango w'amaraso w'umuhisi Patiri Thomas Mugirente, incuti n'abagenzi, eka mbere n'abakristu bo muri Paruwase Muvyeyi w'ikigongwe yo mu Kanyosha uwo musaserdoti yari asanzwe abereye Patiri Mukuru, ari na bo baremesheje imisa mu ndirimbo z'amasabamana, be n'abandi yabereye umuvyeyi w'umutima mu buryo butandukanye.
Mu nkuka y'imisa y'ugusezera n'usabira umuhisi Patiri Thomas Mugirente, Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa yagereranije ivyo birori n'umusi mukuru w'aho abari aho baherekezanije iteka uwo muhisi, ngo aho yerekeje mu birimba vy'ijuru, abone ko aherekejwe, kandi aherekejwe n'abakunzi biwe, na cane cane abo yamenyesheje Ijambo ry'Imana, ari na ryo rituma abantu barema ku musi nk'uwo.
Umwepiskopi Mukuru yabandanije agira ati: «Kuri twebwe twemera ubuzima buhoraho, ni bwo buryo nyabwo bw'uguhozanya n'ukuremeshanya, tumurikiwe n'ijambo ry'Imana, kandi dukomejwe na ya Mfungurwa y'Ukaristiya uyu musaserdoti yahora yama yihereza, kandi akagaburira n'abo bose baza bamugana, kuko yabona yuko ari ko kaganuke karuta utundi tuganuke twose yashobora guha umuntu, kugira ngo akomeze urugendo ruzomushikana heza!»
Ijambo ry'Imana uwo Mwepiskopi Mukuru yashimye ko ari ryo abari aho bokwisunga mu kuremeshanya ni iryo muri kimwe mu bisomwa Vyeranda vyasomwe muri iyo misa, Inkuru Nziza ya Yezu Kristu yanditswe na Yohani mweranda, rigira riti: «Ico Data ashaka ni uko uwubonye Mwana, akamwemera, aronka ubuzima buhoraho; nanje nyene nkazomuzura ku musi w'imperuka!» (Yohani 6:37-40). Araheza amenyesha ko iryo jambo riri mu majambo yari yatumye Patiri Thomas mwene Mugirente yemera akaja mu muryango wa ba bana b'Imana bemera kuvuka ubugira kabiri mw'ibatisimu, mbere akaba n'umusaserdoti, kugira ngo aje arafasha abandi kubona Mwana.
Patiri Thomas Mugirente, mwene Daniel Mugirente na Agatha Banyiyezako (bompi bamaze kwitaba Imana), yavutse ku wa 18 nzero 1956, ku musozi Muhoro, muri Paruwase Mubimbi, mu ntara ya Bujumbura, muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura. Yize amashure y'intango kw'ishure riri kuri Paruwase ya Mubimbi. Ayarangije, yaciye yinjira mw'Iseminari ntoyi yo mu Kanyosha (1967-1972), maze mu mwaka ukurikira aca aja kubandanyiriza ivyigwa kw'ishure ryisumbuye ryo mu Kivoga rikukira Ishengero ry'aba Adventiste, aho yamaze umwaka umwe.
Ubuzima bw'ukwihebera Imana yabwinjiyemwo inyuma y'aho, mu muryango w'Abafurera b'Urukundo (Frères de la Miséricorde), i Musenyi. Ni na bo bamurungitse kwungura ubumenyi mw'ishure ry'inyigisho ndoramana (Institut Supérieur de Catéchèse et de la Pastorale, Lumen Vitae), i Brusseli mu Bubiligi, mu mwaka w'1979. Na ho nyene yahamaze umwaka umwe, imbere y'ukubandanyiriza ivyigwa i Roma mu Butaliano, kuva mu mwaka w'1983, kwiga mu gisata c'inyigisho nshingwabutumwa (Institut Supérieur des Sciences Religieuses - Mater Ecclesiae), na nyurabwenge (Philosophie) muri Kaminuza yitiriwe umweranda Tomasi w'i Aquin (Université Pontificale St Thomas d'Aquin) bita Angelicum.
Amaze kuronka impapuro z'umutsindo (Sciences religieuses, 1986; Licence en Philosophie, 1988), yaciye yinjira mw'Iseminari Nkuru y'i Burasira, aho yize ivyigwa vya Théologie (1990), hanyuma abishishikarira mw'Iseminari Nkuru yitiriwe Yohani Paulo-II y'i Gitega, igihe iyo Seminari yatangura, hari muri Nzero 1994. Uwo mwaka ukaba wari wo wa nyuma mu vy'ukwitegurira ibanga ry'ubusaserdoti.
Patiri Thomas Mugirente yatanguye yatirwa mu budiyakoni mu mwaka w'1993, muri paruwase Munanaira, maze mu mwaka ukurikira na ho, ku wa 21 Myandagaro 1994 araheza yatirwa mw'ibanga ry'ubusaserdoti, muri Paruwase avukamwo ya mubimbi, yatiwe na Nyenicubahiro Musenyeri Simoni Ntamwana; ico gihe ni we yari Umwepiskopi wa Diyoseze ya Bujumbura.
Patiri Thomas Mugirente ashengeye aranguye ubutumwa mu bitari bike, ahatari hake, mu Burundi be no mu bindi bihugu, kuko aho abereye umusaserdoti, yagiye arashingwa ubutumwa butandukanye. Yatanguye ari icegera ca Patiri mukuru wa Paruwase Rushubi ashinzwe gukurikirana ibitunga Paruwase (1994-1995); abandanyiriza ivy'ugucungerera ubutunzi mw'Iseminari Ntoyi y'o mu Kanyosha (1995-1999); mu nyuma na ho abibandanyiriza mu gisata ca Diyoseze ya Bujumbura kiraba ivy'ubutunzi (Econome Général).
Mu vy'ukurongora amaparuwase na vyo, yabitanguriye muri Paruwase Karinzi, abisubira muri Paruwase Mutumba, gushika mu mwaka w'2007, imbere y'uko aca gucungera ivy'ubutunzi mw'Iseminari Nkuru yitiriwe Yohani Paulo-II y'i Gitega (2007-2014). Akaba yagiye kuba Patiri mukuru wa Paruwase Kanyosha aho agarukiye muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, kuva muri uwo mwaka gushika Imana imugomwe ubugira kandi, imwiyegereze mu birimba vy'ijuru.
Umuhisi Patiri Thomas Mugirente rero yitavye Imana ku wa mu bucagucagu bwo ku wa Gatandatu igenekerezo rya 12 Ruheshi 2021, mu bitaro BUMEREC vy'i Bujumbura, aho yari amaze imisi yababa ukwezi arwariye. Ashengeye yari akiri ku kivi c'ubutumwa yashinzwe,n'aho muri aya mezi ya nyuma, amagara yaja aramukika.
Nta nkeka ko abagiriwe ubuntu bw'ukumenyana n'umuhisi Patiri Thomas Mugirente mu myaka 65 yari amaze ngaha kw'isi, batazibagira ubutekereji bwiwe, akanyamuneza, be n'umwete yari afise mu kurangura ibikorwa ashinzwe, kuko yakunda ibikorwa biranguwe neza.
Noneho Imana yari yamutoye na kare mu kumwerekeza mu nzira y'ukuyihebera muri wa muryango w'Abafurera b'urukundo, ufise intumbero y'ukugaragaza urukundo-kigongwe rw'Imana kuri ba bandi nyene b'intabwa, isi idakunze kwitaho. Ese Umukama yomuronsa impera yemereye abatoni b'ibanga.
Michel Nibitanga, CEDICOM