Umuhisi Patiri Thomas Mugirente: inkuka y'imisa y'ukumuhereza Imana n'ibirori vy'ukumushingura rukristu
Itariki: 16/6/2021Ababisomye 8439 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Asozereye imyaka yiwe 65 yari Patiri mukuru wa paruwase Kanyosha, ariko abagiriwe ubuntu bw'ukumenyana na we ntibazibagira ubutekereji n'akanyamuneza vyiwe, be n'umwete mu kurangura ivyo ashinzwe
Inyuma y'imisi arengutse ku Muremyi wiwe yakoreye nk'umusaserdoti, umuhisi Patiri Thomas Mugirente, kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 16 Ruheshi 2021 ni ho yashinguwe. Imigirwa y'ukumusezera ubwa nyuma yabereye mu Nkuka y'Imisa yaherejwe kw'isengero ya Paruwase Katedrale Regina Mundi, imbere y'ukumushingura rukristu mw'itongo rishingurwamwo abasaserdoti n'abandi bihebeye Imana, itongo riri mu cibare gikukira Iseminari Nkuru ya Bujumbura. Iyo migirwa yose ikaba yasozerewe n'ukugirako n'uwundi mugirwa w'ikirundi w'uguguca ku mazi.

Inkuka y'imisa y'ukumuhereza Umukama yari irongowe na Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, kumwe n'abandi bepiskopi batatu, Nyenicubahiro Musenyeri Evariste Ngoyagoye, Umwepiskopi Mukuru w'inararibonye w'iyo Diyoseze, be na Musenyeri Joachim Ntahondereye, Umwepiskopi wa Diyoseze Muyinga, na Musenyeri Georges Bizimana, Umwepiskopi wa Diyoseze Ngozi, na Musenyeri Anatole Ruberinyange, Icariho gikuru c'Umwepiskopi Mukuru w'i Bujumbura.

Mu bari baje gusezerana iteka n'igisabisho uwo musaserdoti, harimwo kandi n'abasaserdoti isinzi bahora basangiye na we ibanga ry'ubuherezankuka, kumwe n'abafurera n'ababikira bo mu miryango itandukanye irangurira ubutumwa muri iyo Diyoseze. Mu bandi bari baje kumusezera harimwo ahanini abagize umuryango w'amaraso w'umuhisi Patiri Thomas Mugirente, incuti n'abagenzi, eka mbere n'abakristu bo muri Paruwase Muvyeyi w'ikigongwe yo mu Kanyosha uwo musaserdoti yari asanzwe abereye Patiri Mukuru, ari na bo baremesheje imisa mu ndirimbo z'amasabamana, be n'abandi yabereye umuvyeyi w'umutima mu buryo butandukanye.

Mu nkuka y'imisa y'ugusezera n'usabira umuhisi Patiri Thomas Mugirente, Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa yagereranije ivyo birori n'umusi mukuru w'aho abari aho baherekezanije iteka uwo muhisi, ngo aho yerekeje mu birimba vy'ijuru, abone ko aherekejwe, kandi aherekejwe n'abakunzi biwe, na cane cane abo yamenyesheje Ijambo ry'Imana, ari na ryo rituma abantu barema ku musi nk'uwo. 

Umwepiskopi Mukuru yabandanije agira ati: Â«Kuri twebwe twemera ubuzima buhoraho, ni bwo buryo nyabwo bw'uguhozanya n'ukuremeshanya, tumurikiwe n'ijambo ry'Imana, kandi dukomejwe na ya Mfungurwa y'Ukaristiya uyu musaserdoti yahora yama yihereza, kandi akagaburira n'abo bose baza bamugana, kuko yabona yuko ari ko kaganuke karuta utundi tuganuke twose yashobora guha umuntu, kugira ngo akomeze urugendo ruzomushikana heza!»

Ijambo ry'Imana uwo Mwepiskopi Mukuru yashimye ko ari ryo abari aho bokwisunga mu kuremeshanya ni iryo muri kimwe mu bisomwa Vyeranda vyasomwe muri iyo misa, Inkuru Nziza ya Yezu Kristu yanditswe na Yohani mweranda, rigira riti: Â«Ico Data ashaka ni uko uwubonye Mwana, akamwemera, aronka ubuzima buhoraho; nanje nyene nkazomuzura ku musi w'imperuka!» (Yohani 6:37-40). Araheza amenyesha ko iryo jambo riri mu majambo yari yatumye Patiri Thomas mwene Mugirente yemera akaja mu muryango wa ba bana b'Imana bemera kuvuka ubugira kabiri mw'ibatisimu, mbere akaba n'umusaserdoti, kugira ngo aje arafasha abandi kubona Mwana.

Patiri Thomas Mugirente, mwene Daniel Mugirente na Agatha Banyiyezako (bompi bamaze kwitaba Imana), yavutse ku wa 18 nzero 1956, ku musozi Muhoro, muri Paruwase Mubimbi, mu ntara ya Bujumbura, muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura. Yize amashure y'intango kw'ishure riri kuri Paruwase ya Mubimbi. Ayarangije, yaciye yinjira mw'Iseminari ntoyi yo mu Kanyosha (1967-1972), maze mu mwaka ukurikira aca aja kubandanyiriza ivyigwa kw'ishure ryisumbuye ryo mu Kivoga rikukira Ishengero ry'aba Adventiste, aho yamaze umwaka umwe.

Ubuzima bw'ukwihebera Imana yabwinjiyemwo inyuma y'aho, mu muryango w'Abafurera b'Urukundo (Frères de la Miséricorde), i Musenyi. Ni na bo bamurungitse kwungura ubumenyi mw'ishure ry'inyigisho ndoramana (Institut Supérieur de Catéchèse et de la Pastorale, Lumen Vitae), i Brusseli mu Bubiligi, mu mwaka w'1979. Na ho nyene yahamaze umwaka umwe, imbere y'ukubandanyiriza ivyigwa i Roma mu Butaliano, kuva mu mwaka w'1983, kwiga mu gisata c'inyigisho nshingwabutumwa (Institut Supérieur des Sciences Religieuses - Mater Ecclesiae), na nyurabwenge (Philosophie) muri Kaminuza yitiriwe umweranda Tomasi w'i Aquin (Université Pontificale St Thomas d'Aquin) bita Angelicum.

Amaze kuronka impapuro z'umutsindo (Sciences religieuses, 1986; Licence en Philosophie, 1988), yaciye yinjira mw'Iseminari Nkuru y'i Burasira, aho yize ivyigwa vya Théologie (1990), hanyuma abishishikarira mw'Iseminari Nkuru yitiriwe Yohani Paulo-II y'i Gitega, igihe iyo Seminari yatangura, hari muri Nzero 1994. Uwo mwaka ukaba wari wo wa nyuma mu vy'ukwitegurira ibanga ry'ubusaserdoti.

Patiri Thomas Mugirente yatanguye yatirwa mu budiyakoni mu mwaka w'1993, muri paruwase Munanaira, maze mu mwaka ukurikira na ho, ku wa 21 Myandagaro 1994 araheza yatirwa mw'ibanga ry'ubusaserdoti, muri Paruwase avukamwo ya mubimbi, yatiwe na Nyenicubahiro Musenyeri Simoni Ntamwana; ico gihe ni we yari Umwepiskopi wa Diyoseze ya Bujumbura.

Patiri Thomas Mugirente ashengeye aranguye ubutumwa mu bitari bike, ahatari hake, mu Burundi be no mu bindi bihugu, kuko aho abereye umusaserdoti, yagiye arashingwa ubutumwa butandukanye. Yatanguye ari icegera ca Patiri mukuru wa Paruwase Rushubi ashinzwe gukurikirana ibitunga Paruwase (1994-1995); abandanyiriza ivy'ugucungerera ubutunzi mw'Iseminari Ntoyi y'o mu Kanyosha (1995-1999); mu nyuma na ho abibandanyiriza mu gisata ca Diyoseze ya Bujumbura kiraba ivy'ubutunzi (Econome Général).

Mu vy'ukurongora amaparuwase na vyo, yabitanguriye muri Paruwase Karinzi,  abisubira muri Paruwase Mutumba, gushika mu mwaka w'2007, imbere y'uko aca gucungera ivy'ubutunzi mw'Iseminari Nkuru yitiriwe Yohani Paulo-II y'i Gitega (2007-2014). Akaba yagiye kuba Patiri mukuru wa Paruwase Kanyosha aho agarukiye muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, kuva muri uwo mwaka gushika Imana imugomwe ubugira kandi, imwiyegereze mu birimba vy'ijuru.

Umuhisi Patiri Thomas Mugirente rero yitavye Imana ku wa mu bucagucagu bwo ku wa Gatandatu igenekerezo rya 12 Ruheshi 2021, mu bitaro BUMEREC vy'i Bujumbura, aho yari amaze imisi yababa ukwezi arwariye. Ashengeye yari akiri ku kivi c'ubutumwa yashinzwe,n'aho muri aya mezi ya nyuma, amagara yaja aramukika.

Nta nkeka ko abagiriwe ubuntu bw'ukumenyana n'umuhisi Patiri Thomas Mugirente mu myaka 65 yari amaze ngaha kw'isi, batazibagira ubutekereji bwiwe, akanyamuneza, be n'umwete yari afise mu kurangura ibikorwa ashinzwe, kuko yakunda ibikorwa biranguwe neza.

Noneho Imana yari yamutoye na kare mu kumwerekeza mu nzira y'ukuyihebera muri wa muryango w'Abafurera b'urukundo, ufise intumbero y'ukugaragaza urukundo-kigongwe rw'Imana kuri ba bandi nyene b'intabwa, isi idakunze kwitaho. Ese Umukama yomuronsa impera yemereye abatoni b'ibanga.

Michel Nibitanga, CEDICOM
Grace melissaimana imwakire mubwami bwayo18/06/2021 isaha 7h57
Ivyiyumviro

Aleluya. Kristu yarazutse; umuco wiwe waratuboneshereje, twebwe yacunguje atnaraso yiwe. Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 52-59)

Muri irya misi,

Abayuda baja mu gaharira, bavuga bati: «Uwo ashobora ate kuduha umubiri wiwe ngo tuwufungure?» Yezu arababwira rero ati: «Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye: mudafunguye umubiri w’Umwana w’umuntu, ntimunywe n’amaraso yiwe, nta buzima muzogira. Uwufungura umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, arafise ubuzima budahera. Nanje rero nzomuzura ku musi w’imperuka. Na none umubiri wanje ni imfungurwa y’ukuri, amaraso yanje na yo ni inyobwa y’ukuri. Uwufungura umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, aba muri jewe, nanje nkaba muri we. Nk’uko Data Nyenubuzima yantumye ari we ambeshaho, ni ko n’uwumfunguye ndamuha ubuzima. Uyo rero ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru. Ntumeze nk’umwe basokuru banyu bafunguye, hanyuma bagapfa. Uwuzofungura uyo mukate azoramba mu myaka yose.»

Ivyo Yezu yabivuze yigishiriza mw’isinagoga i Kafaranawumi.  

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 200
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI