Ivyo birori vyari vyatewe iteka na Patiri Mariko Nsanzurwimo, kumwe na Patiri Kariyope Bazitwinshi ajejwe ubutumwa bwa Bibiriya mu Burundi, hamwe na Patiri LĂ©vis Nsengiyumva, basanzwe na bo ari imvukira za paruwasi ya Ntita
Abarongoye imibano rukiristu igize Paruwase Ntita barafashe urugendo, ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 19 Ruheshi 2021, baje kuramutsa imvukira z'iyo Paruwase zirangurira ibikorwa vya misi yose mu gisagara ca Bujumbura. Urwo rugendo rwabashikanye muri Paruwase yitiriwe umweranda Ogusitino yo mu Buyenzi, bukeye bwaho, ku musi w'Imana, bakaba baciye bakirwa na bene wabo b'imvukira z'iyo paruwase barangurira imirimo ya misi yose mu gisagara ca Bujumbura.
Muri Paruwase yitiriwe umweranda Ogusitino yo mu Buyenzi harabereye ihwaniro ry'abakristu bahurikiye mu mubano w'imvukira za Paruwase Ntita zirangurira ibikorwa vya misi yose mu gisagara ca Bujumbura, aho bari baramutse bakira bagenzi babo barongoye imibano rukiristu igize iyo Paruwase, baje babagana.
Uwo mubonano watanguranye n'ikiyago, kw'isaha zibiri (8h00) zo mu gatondo, bavugana ku kuntu bokwitegurira kuzohimbaza yubile y'imyaka 50 iyo paruwase imaze ivutse, hamwe n'ico boterera, nk'abanyamubano bagize iyo paruwase.
Inyuma y'uguhanahana ivyiyumviro, baciye bifatikanya n'abandi bakristu bo muri Buyenzi, mu nkuka y'imisa yaherejwe kw'isaha zine n'igice (10h30), yaherejwe na patiri Kariyope Bazitwishi, asanzwe ajejwe ubutumwa bwa Bibiriya mu Burundi.
Inyuma y'inkuka y'imisa, abasangwa b'imvukira za paruwase Ntita baciye baja kuzimana bagenzi babo. Ibirori bikaba vyabereye mu nyubakwa ya paruwase Buyenzi yagenewe imisi mikuru n'imanza.
Mw'ijambo ry'ukwakira abashitsi ryavuzwe n'umushingantahe Zephyrin Nkezinyankane asanzwe arongoye uwo mubano w'izo mvukira zo mu Ntita, yavuze ko iyo migenderanire hagati y'abarangurira ibikorwa vyabo vya misi yose mu gisagara ca Bujumbura hamwe n'abasigaye ruguru kuri Paruwase yamyeho kuva kera, kuko ngo ubu bakwije imyaka 12 bafitaniye ubwo bucuti.
Na ho ku ruhande rw'abashitsi, ijambo ryashikirijwe n'umushingantahe LĂ©vis Mbeshiminwe, ari na we yashikirije intumbero y'urwo rugendo. Yavuze ko ari iy'ukuraba bene wabo barangurira ubutumwa mu gisagara ca Bujumbura ngo baganire ku vyerekeye yubile y'imyaka mirongo itanu (50 ans) paruwase izohimbaza muri uku kwezi kw'icenda.
Mwomenya ko ivyo birori vyari vyatewe iteka na patiri mukuru w'iyo paruwase, Patiri Mariko Nsanzurwimo, kumwe na Patiri Kariyope Bazitwinshi ajejwe ubutumwa bwa Bibiriya mu Burundi, hamwe na Patiri LĂ©vis Nsengiyumva, basanzwe na bo ari imvukira za paruwase ya Ntita, kumwe kandi n'uwusanzwe aserukira imvukira z'iyo paruwase mu gisagara ca Bujumbura, hamwe n'uwusanzwe yaserukiye imibano rukiristu igize paruwase Ntita.
Alexis Niyonkuru, Paruwase Buyenzi