WEB RADIOWEB TVHORAIRE DES MESSES
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
(7-13 Nyakanga 2020)_16/09/2020
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
(7-13 Nyakanga 2020)
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura (31 Myandagaro-6 Nyakanga 2020
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
(24-30 Myandagaro 2020)
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura yo kuvaigenekerezo rya 7 - 13 Nyakanga 2020 _ 21/09/2020
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura yo kuvaigenekerezo rya 7 - 13 Nyakanga 2020
AMAKURU YA DIYOSEZE NKURU YA BUJUMBURA 30 MYANDAGARO 06 NYAKANGA 2020
AMAKURU YA DIYOSEZE NKURU YA BUJUMBURA 24 30 MYANDAGARO 2020
Amasaha y'Inkuka za Misa no Gushengerera
I. VICARIAT BUJUMBURA
01. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
02. PAROISSE SAINT MICHEL
03. PAROISSE BUTERERE
04. PAROISSE BUYENZI
05. PAROISSE GATUMBA
06. PAROISSE GIHOSHA
07. PAROISSE KAMENGE
08. PAROISSE KANYOSHA
09. PAROISSE KINAMA
10. PAROISSE KININDO
11. PAROISSE MUSAGA
12. PAROISSE ESPRIT DE SAGESSE
13. PAROISSE NGAGARA
14. PAROISSE NYAKABIGA
15. PAROISSE RUZIBA
16. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
17. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
18. AUMÔNERIE DE LA POLICE
19. CENTRE JEUNES KAMENGE
20. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
II. VICARIAT BUHONGA
01. PARUWASE BUHONGA
02. PARUWASE JENDA
03. PARUWASE KARINZI
04. PARUWASE MAGARA
05. PARUWASE MATARA
06. PARUWASE MAYUYU
07. PARUWASE MUBIMBI
08. PARUWASE MUTUMBA
09. PARUWASE RUGAZI
10. PARUWASE RUSHUBI
III. VICARIAT MURAMVYA
01. PAROISSE BUKEYE
02. PAROISSE BUKWAVU
03. PAROISSE BUZIRACANDA
04. PAROISSE KIGANDA
05. PAROISSE KIVOGA
06. PAROISSE MUNANIRA
07. PAROISSE MURAMVYA
08. PAROISSE RYARUSERA
Baza ikibazo


Aleluya, aleluya.


Ni Wewe, Mana nzima, dushaka gushemeza!
Turakuyaga, ngo uri Umukama!
Ni Wewe, Mukama, abatumwa bashimagiza.


Aleluya.


Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk'uko yashikirijwe na Matayo (9, 9-13)


Yezu avuye aho yari ari, abona umuntu yicaye atoza ikori, yitwa Matayo. Amubwira ati: «Nkurikira». Na we aca arahaguruka aramukurikira. 
Yezu ashitse ku meza kwa Matayo, abandi batozakori batari bake n'abanyakabi baza kumwicara iruhande, we n'abigishwa biwe. Abafarizayo babibonye babwira abigishwa biwe bati: «Ni kuki shobuja asangira n'abatozakori n'abanyabicumuro?» Yezu arabumva, abishura ati: «Abakomeye si bo bakeneye uwubavura, abamukeneye ni abarwaye. Gende mutegere ico aya majambo avuga. Nshaka ikigongwe, simbabaye inkuka. Aberanda si bo naje kwigarurira, naje guhamagara abacumuye.»


Tanga
Ufashe Umuryango
Iyindi mirongo
Abari kumurongo : 37
Itariki: 4/10/2019Ababisomye 404 Vyamenyekanishijwe na : Michel NIBITANGA
Patiri Petero Karaveri NTAHONDEREYE ni we yagenwe ngo abe Patiri mukuru wa Paruwase yitiriwe Abamaratiri b'i Buganda yo mu Gasura

Ku musi w'Imana igenekerezo rya 29 Nyakanga, kari akanyamuneza ntangere ku bakristu b'ahahora ari igisata ca Gasura, kuko ari ho bashikirizwa icese Paruwase Nshasha, iyo Paruwase yabo ikaba yarahawe izina rya «Paruwase Gasura yitiriwe Abamaratiri b'i Buganda». Ibirori vy'ukuyishikirizwa vyabereye mu nkuka y'imisa yaherejwe na Nyenicubuhiro Musenyeri Gerevazi BANSHIMIYUBUSA, Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, ari kumwe n'icegera ciwe, Musenyeri Anatole RUBERINYANGE, abasaserdoti batari bake, harimwo n'ivyariho vy'Umwepiskopi mu Ntara y'ubutumwa ya Muramvya.

 

Ibirori vy'ugushikiriza iyo Paruwase nshasha ya Gasura vyari vyitabwe n'abihebeye Imana, abari mu nzego zirongoye igihugu c'Uburundi, imvukira za Paruwase nshasha ya Gasura, n'abakristu benshi. Patiri Petero Karaveri NDAYIRAGIJE, icariho c'umwepiskopi mu ntara y'ubutumwa ya Muramvya, ni we yaserukiye bene Paruwase mu guha ikaze abitavye ibirori. Yaciye agirako asaba Umwepiskopi kurongora igisabisho c'inkuka y'imisa no kubagabira Paruwase.

 

Mu nsiguro y'ijambo ry'Imana, Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi BANSHIMIYUBUSA yamenyesheje abakristu ba Paruwase ko Gasura igiye kuba Paruwase nshasha, na bo araheza abasaba kwemera bakaba ibiremwa bishasha, nkako ngo kuva uwo musi bacitse umuryango mushasha, ngo ntibakiri igisata gihetswe n'abandi.

 

Inyuma y'insiguro y'ijambo ry'Imana, icegera c'Umwepiskopi wa Diyoseza Nkuru ya Bujumbura, Musenyeri Anatole RUBERINYANGE, ni we yaciye ahabwa ijambo ngo asome ingingo itangaza icese igenwa rya Paruwase Gasura, ingingo yanditswe n'Umwepiskopi wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura ubwiwe. Abakristu bo mu Gasura bakaba bakiranye akanyamuneza iyo ngingo.  Na we umusaserdoti yagenywe ngo abe ari we ayibera Patiri mukuru akaba ari Patiri Petero Karaveri NTAHONDEREYE.


Inkuka y'imisa irangiye, twaregereye Patiri Mukuru w'iyo Paruwase ivutse, maze aratumenyesha akanyamuneza yumva, n'ingene yakiriye ubwo butumwa bushasha n'ibikorwa azorangurira muri iyo Paruwase.

 

Icariho c'Umwungere mu ntara y'ubutumwa ya Muramvya na we nyene ntiyatanzwe kugaragaza akanyamuneza yuko Intara ajejwe yibarutse Paruwase. Pariri Petero Kaveri NDAYIRAGIJE, akaba yaraboneyeho gushimira abagize ico bafasha kugira ngo bashike kuri iyo ntambwe y'ugushikirizwa iyo Paruwase. Na bo abakristu b'iyo Paruwase yabasavye kugamburukira abasaserdoti babo.

 

Abandi bagaragaje akanyamuneza bafise ni abakristu bari bahejeje kuronswa Paruwase, bakaba baraserukiwe n'Umushingantahe Philippe NZOBONARIBA, imvukira yo mu Gasura. Mw'izina rya bene Paruwase, yaramenyesheje ishengero ryari aho ko bahimbawe cane, na rirya ngo imyaka yari yaramaze kuba myinshi bari mu muhango w'ukuronswa iyo Paruwase, mbere ngo bakaba bahora bigina yubile y'umuhango wa Paruwase.

 

Eka no mu bihebeye Imana bavuka muri iyo yabaye Paruwase kari akanyamuneza. Mama Chantal MUGIRASONI ni uwihebeye Imana wo mu kigo «Foyer de charité» c'i Bujumbura, avuka mu Gasura. Mw'ijambo yashikirije muri ivyo birori, yahamagiriye abakristu gufasha Paruwase ngo itere imbere, kuko mu bushasha bwayo ngo igikeneye vyinshi. Ikindi yabasavye ni ukurangwa n'urukundo n'ubumwe mu rugendo barimwo rugana Imana.

 

Paruwase nshasha ya Gasura yitiriwe Abamaratiri b'i Buganda iherereye mu ntara y'ubutumwa ya Muramvya, mu ntara ya Muramvya nyene mu vy'intwaro y'igihugu c'Uburundi. Iyo Paruwase ivyawe na Paruwase Munanira, yahora ikukira nk'igisata, ikaba ivukanye ibisata vyayo bwite bitandatu, ari vyo Gasura, Gatoza, Murehe, Migezi-Nete, Ngozi na Nyamurenge. Icicaro gikuru cayo kikaba giherereye muri zone Gasura yo muri Komine Mbuye, ari na ho hari Isengero nkuru ya Paruwase.

 

Odrade KAZE, mu Gasura, ku bwa CEDICOM

Ivyiyumviro
Amazina
E-mail
Iciyumviro canyu
Andika igiharuro gikurikira54808520926860
Tanga
Ufashe Umuryango
Muramvya
Gasura
Abakristu bashika amajana atandatu bo muri Paruwase Gasura baraye bakomejwe muri Mutima-Mweranda27/7/2020 | Ababisomye 3401 | Michel NIBITANGA Yabandanije avuga ko abakomejwe muri Mutima-Mweranda babwirizwa kuba akarorero k'abandi, kuko baba babaye abamenyeshamana n'abaremeshamahoro (Patiri Pierre Claver)....
CEDICOM
Gasura
Ubushasha bwa Paruwase Gasura buriko bujana n'ugushiramwo akariro kadasanzwe mu kwiyubakira ingoro y'Imana yagutse22/7/2020 | Ababisomye 1929 | Michel NIBITANGA Twese hamwe, twitange tutavunitse twiyubakire ingoro y'Imana, ico ni co civugo cahawe umugambi w'ukwubaka ingoro y'Imana yo muri iyo Paruwase....
Muramvya
Gasura
Paruwase nshasha ya Gasura yaraye ivutse : hanura mudatinya30/9/2019 | Ababisomye 119 | Michel NIBITANGA "Ukuba Paruwase ni ukwemera kuronka ubutumwa, umw'umwe wese mu mabanga afise agashingira intahe Kristu adatinya, mu bihe vyoroshe no mu bihe bigoye."....
WEB RADIOWEB TVHORAIRE DES MESSES
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
(7-13 Nyakanga 2020)_16/09/2020
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
(7-13 Nyakanga 2020)
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura (31 Myandagaro-6 Nyakanga 2020
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
(24-30 Myandagaro 2020)
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura yo kuvaigenekerezo rya 7 - 13 Nyakanga 2020 _ 21/09/2020
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura yo kuvaigenekerezo rya 7 - 13 Nyakanga 2020
AMAKURU YA DIYOSEZE NKURU YA BUJUMBURA 30 MYANDAGARO 06 NYAKANGA 2020
AMAKURU YA DIYOSEZE NKURU YA BUJUMBURA 24 30 MYANDAGARO 2020
Amasaha y'Inkuka za Misa no Gushengerera
I. VICARIAT BUJUMBURA
01. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
02. PAROISSE SAINT MICHEL
03. PAROISSE BUTERERE
04. PAROISSE BUYENZI
05. PAROISSE GATUMBA
06. PAROISSE GIHOSHA
07. PAROISSE KAMENGE
08. PAROISSE KANYOSHA
09. PAROISSE KINAMA
10. PAROISSE KININDO
11. PAROISSE MUSAGA
12. PAROISSE ESPRIT DE SAGESSE
13. PAROISSE NGAGARA
14. PAROISSE NYAKABIGA
15. PAROISSE RUZIBA
16. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
17. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
18. AUMÔNERIE DE LA POLICE
19. CENTRE JEUNES KAMENGE
20. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
II. VICARIAT BUHONGA
01. PARUWASE BUHONGA
02. PARUWASE JENDA
03. PARUWASE KARINZI
04. PARUWASE MAGARA
05. PARUWASE MATARA
06. PARUWASE MAYUYU
07. PARUWASE MUBIMBI
08. PARUWASE MUTUMBA
09. PARUWASE RUGAZI
10. PARUWASE RUSHUBI
III. VICARIAT MURAMVYA
01. PAROISSE BUKEYE
02. PAROISSE BUKWAVU
03. PAROISSE BUZIRACANDA
04. PAROISSE KIGANDA
05. PAROISSE KIVOGA
06. PAROISSE MUNANIRA
07. PAROISSE MURAMVYA
08. PAROISSE RYARUSERA


Aleluya, aleluya.


Ni Wewe, Mana nzima, dushaka gushemeza!
Turakuyaga, ngo uri Umukama!
Ni Wewe, Mukama, abatumwa bashimagiza.


Aleluya.


Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk'uko yashikirijwe na Matayo (9, 9-13)


Yezu avuye aho yari ari, abona umuntu yicaye atoza ikori, yitwa Matayo. Amubwira ati: «Nkurikira». Na we aca arahaguruka aramukurikira. 
Yezu ashitse ku meza kwa Matayo, abandi batozakori batari bake n'abanyakabi baza kumwicara iruhande, we n'abigishwa biwe. Abafarizayo babibonye babwira abigishwa biwe bati: «Ni kuki shobuja asangira n'abatozakori n'abanyabicumuro?» Yezu arabumva, abishura ati: «Abakomeye si bo bakeneye uwubavura, abamukeneye ni abarwaye. Gende mutegere ico aya majambo avuga. Nshaka ikigongwe, simbabaye inkuka. Aberanda si bo naje kwigarurira, naje guhamagara abacumuye.»


Baza ikibazo
Abari kumurongo : 37
Archidiocèse y'i Bujumbura
Gihosha
Tél : 22 23 14 76
Centre Diocésain de Communication
CEDICOM
B.P. 690 Bujumbura
Tél. : 22 22 05 00
E-mail : cedicom.buja@gmail.com
Ronka amakuru

Rondera
Mwodukurikirana muciye kuri :