Aleluya, Aleluya. Mpumura, Mukama, niho nzokwihweza ivyiza vy’agatangaza vy’amategeko yawe. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (8, 14-21)
Abigishwa bagasangwa bari bibagiye kuzana imikate bari bafise umwe musa mu bwato.
Yezu arabihanikiriza ati: «Muragabe, mwirinde umwambiro w’Abafarizayo n’umwambiro wa Herodi.» Na bo bavugana ukwabo ivy’imikate batagira. Yezu arabimenya ababwira ati: «Ni kuki muvuga ivy’imikate mutagira? Ntimurategera, ntimurazirikana? Nta bwenge bubona mufise? Muri n’amaso ariko ntimubone, muri n’amatwi ariko ntimwumve? Ubwo, ntimwibuka aho nagaburira imikate itanu abantu ibihumbi bitanu ibikemanyi vyuzuye ibimanyu mwatwaye uko bingana?» Bati: «Cumi na bibiri.» Ati: «Aho nagaburira imikate, indwi abantu ibihumbi bine, mwatwaye ibikemanyi bingahe vyuzuye ibimanyu?» Bati: «Indwi.» Arababarira ati: «Ntimurategera?»