Aleluya, aleluya. Uwunkunda azozigama ijambo ryanje: na Data azomukunda, duheze tuze iwe, tumugire ingoro yacu. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (10, 34-11, 1)
Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati: «Ntimugire ngo naje kuvyagiza amahoro hano kw’isi; sinaje kuvyagiza amahoro, nazanye ariho indwano. Ego cane, naje ngo umwana avavanure na se, umwigeme na nyina, umukazana avavanure na inabukwe; umuntu wese aribwe n’abo babana.
Uwukunda se canke nyina kunduta, ntakwiye kuba
uwanje; n’uwukunda umuhungu wiwe canke umukobwa wiwe kunduta, ntakwiye kuba
uwanje. Uwutakiriye umusaraba wiwe ngo ankurikire, ntakwiye kuba uwanje. Uwizigitiriye
ku buzima bwiwe, buzomuvako; uwabuhevye na we akanyigura, nzobumusubiza.
Uwbakirije yompi, aba yakiriye jewe nyene; na we
uwumfashe neza, aba afashe neza uwantumye. Uwuzimanye umuhanuzi kuko ari
umuhanuzi, izotahira impera y’abahanuzi ; uwuzimanye intungane kuko ari
intungane, na we azoronka impera y’intungane. Urya na we azozimya inyota y’umwe
muri abo batobato, n’aho coba igikombe c’amazi asanzwe, akakimuha kuko ari
umwigishwa wanje, ni ivy’ukuri ndabibabariye, uwo ntazobura impera yiwe.»
Yezu ahejeje gusigurira abigishwa biwe icumi na
babiri, ava aho aja kwigisha no gusigurira mu bisagara vyaho.
Â