Ivyo dusoma mw’Ikete ryandikiwe Abahebereyi (11, 32-40)
Ncuti zanje,
Ikindi novuga ni iki ? Nta mwanya mfise wo kudondora ivyerekeye
Gedewo, Baraki, Samusoni, Yefute, Dawudi, Samuweli n’abahanuzi. Ku bw’ukwemera
kwabo baratsindiye intara z’abami, bakoresha ubutungane, bahangurirwa imihango,
bazibira iminwa y’intambwe, bazimya ubukari bw’umurirο, bakira ubugi bw’inkota,
barakomantara bahora bagoyagoya, barerekana ubutwari mu rugamba, barirukana
ingabo z’abanyamahanga, abagore bamwe na bo basubira kubona ababo bari bapfuye,
kuko bano bazutse.
Bamwe bararinze barîcwa nabi, kuko banse gucungurwa, ngo baronke izuka
risumbirije. Abandi barabagerageje mu kubashinyaguriza no mu kubakubita, mu
kubaboha no mu kubata mu munyororo, barabicishije amabuye, barabaciyemwo
kubiri, barabagerageje, barabicishije inkota, bagiye kuyerera bambaye udushato
tw’intama n’utw’impene, bari baburaniwe, bakabatukagura, bakabagirira nabi. Iyi
si ntiyari ibabereye, baguma bayerera mu gahinga, ku misozi, mu masenga no mu
manga z’isi. Ariko, abo bose n’aho Imana yabashingiye intahe kubera ukwemera
kwabo, ntibashikirijwe ivyo bari bemerewe, kuko ari twebwe Imana yarorereje
ivyiza bisumbirije, kugira ngo ntibashikire ubutungane tutari kumwe.
Icit.: Mwese abizigiye Umukama,
humure, subize umutima mu nda. [IZABURI 30 (31) 20, 21, 22 ,23, 24]
Erega, Mukama, ubuntu bwawe ni bwinshi cane,
ubwo wereka abakwubaha;
ubwo ugirira abaguhungirako
mu maso y’abana b’abantu.
Abo ukiza ubahozako ijisho,
ukabashira kure y’akagunge k’abantu,
ukabahisha mw’ihema,
kure y’uruvugo rw’abantu.
Umukama n’ahezagirwe,
kuko yangiriye ibitangaza,
akankunda akanshira aho umwansi adashika.
Jeho naravyuye akoba ngira nti:
«Simba nkiri mu maso yiwe.»
Ariko uko nagutabaza,
Ni ko wanyumvira.
Nimukunde Umukama, mwa bakunzi biwe mwese:
Umukama arabungabunga abatamuhemukira,
ariko akagerera ku rushi abishima.
Aleluya, Aleluya. Nyigisha gutegera ico ushaka, Mukama, nzoheza nzirikane ibitangaza wakoze. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (5, 1-20)
Yezu na ba bandi Cumi na babiri bashitse ku nkombe yo hakurya y’ikiyaga mu
ntara y’Abageraseni, Yezu ngo abe akiva mu bwato, hazukuruka mu mva umuntu
yiziziwe n’umutima uhumanye aja kumusanganira. Yibera mu ruhafu, kandi ntawari
agishobora kumuboha, n’aho bokoresheje igitsibo c’icuma. Bari baragejeje
kumuboha aboshwe n’iminyororo y’ivyuma, biba ivy’ubusa: vyose yaracagagura
akagira ubunywenywe, kandi ntawashobora kumutsinda . Ntabwo yahengeshanya,
ijoro n’umutaga yama avugiriza induru mu mva no ku misozi, yongera yitabaguza
amabuye.
Abonye Yezu akiri kure, yiruka aja iyo ari, akubita inkoro hasi imbere
yiwe, arasemerera ngo: «Unshakako iki, ga Yezu Mwana w’Imana Rudasumbwa?
Ndakuzamvye ku bw’Imana, ntunyice nabi.» Kuko Yezu yari yamubariye ati: «Wa mutima
uhumanye, va muri uyo muntu.» Araheza aramubaza ati: «Witwa
nde?» Wa mutima na wo uti: «Izina ryanje ni Gitero, kuko turi benshi.»
Uramusaba kandi ushimitse ngo ntawukure muri ico gihugu.
Hakaba hano, ku musozi, hari ubusho bw’ingurube ziharisha. Nya mitima
ihumanye isaba Yezu iti: «Turungike mu ngurube, tuzinjiremwo.»
Arayirekura. Nya mitima ihumanye irasokoroka yiroha muri nya ngurube, nya
ngurube nazo ziragundura zirashunguruka, zisuka mu kiyaga, zisoma nturi:
zashika ku bihumbi bibiri.
Abari baziragiye bafashako barahunga, baja kuranga inkuru mu gisagara no mu
mihana; abantu rero baza kuraba ivyabaye. Ngo baze kurenguka aho Yezu ari, babona umwe yasazwa n’amashetani, umwe Gitero
yari yariziziye ubwiwe, ari aho yicaye, yikwije, aganira neza, agashitsi gaca
kabakura no mw’ino. Noneho abari bavyiboneye babiganira ukugene ivy’uyo yasazwa
na shetani n’ivy’ingurube vyagenze. Abo bantu baja mu vyo gutakambira Yezu ngo
abavire mu gihugu.
Wa muntu yahora asazwa na shetani ngo abone Yezu mu bwato, aramusaba ngo
amugendanire. We yamara ntiyakunda, amubwira ati: «Subira iwanyu mu ncuti
zawe, ubabwire ivyo Umukama yakugiriye vyose, ku kigongwe afise.» Ni
uko aragenda aherako aranda muri Dekapoli ivyo Yezu yamukoreye vyose; bose rero
bagwa mu gahundwe.