Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (15, 1-11)
Ncuti zanje,
Ndasubiriye kubibutsa ya Nkuru nziza nabamenyesheje ari yo mwakiriye
mugahagararamwo ari yo idahengeshanya kubakiza nimwayigumya nk’uko
nayibamenyesheje: ahandiho, mwoba mwemereye ubusa.
Ni uko rero, nabashikirije ubwa mbere ivyo nanje nashikirijwe: Ko Kristu
yapfuye kubera ibicumuro vyacu nk’uko vyari vyaranditswe, ko yabambwe, hanyuma
akazuka ku musi ugira gatatu, nk’uko vyari vyaranditswe, kandi ko yabonekeye
Kefasi, hanyuma bamwe Icumi na babiri, akongera akabonekera bamwe benewacu
barenga amajana atanu, muri bo benshi baracariho n’ubu, ariko bamwe
barapfuye, hanyuma yabonekeye Yakobo, asubira abatumwa bose. Maze, hanyuma ya
bose, yarambonekeye nanje, nari meze nk’uwavutse atageze. Mbere, jewe ndi uwa
nyuma mu batumwa, sinkwiye no kwitwa umutumwa kuko nahamye Ekleziya y’Imana.
Ingabirano y’Imana ni yo yangize uko ndi, kandi ingabirano yayo nagiriwe
ntiyampfuyeko ubusa, ariko naratamye kubarusha bose: mbere, si jewe, mugabo ni
ingabirano y’Imana iri muri jewe.
Koko, ari bo ari jewe, uko ni ko twama twigisha, uko ni ko mwemeye
namwe.
Icit.: Shemeze Umukama, kuko ari mwiza. (IZABURI 117 (118) 1-2, 16-17, 28)
Shemeze Umukama, kuko ari mwiza,
kuko ubuntu bwiwe bwamaho imyaka yose.
Umuryango w’Israyeli n’uvuge uti:
ubuntu bwiwe bwamaho imyaka yose.
Ukuboko kw’Umukama kwarakoze ibitangaza,
ukuboko kwiwe kwaratsinze.
Sinzopfa nzohoraho,
kandi nzohayagiza ibikorwa vy’lmana.
Ni Wewe Mana yanje, nzogushemeza:
ngushimagize, Mana yanje!
Shemeze Umukama, kuko ari mwiza,
kuko ubuntu bwiwe bwamaho imyaka yose.
Aleluya, aleluya.
Imana ni yo yatumye abantu b’isi buzura na yo muri Kristu,
yongera idushiramwo ijambo ry’ubwo bwuzure.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (7, 36-50)
Umusi umwe, umwe mu Bafarizayo arahamagara Yezu ngo aze amuzimane. Yezu araheza arinjira mu nzu iwe, aricara
ngo afungure. Haza rero umugore yigenza nabi muri ico gisagara. Ngo amenye ko
Yezu yatumiwe mu nzu y’Umufarizayo, arazana agacupa k’amavuta amota cane, aja
inyuma yiwe hafi y’ibirenge vyiwe, ararira amutonyangiriza amosozi ku birenge,
abihanaguza imishatsi yo ku mutwe wiwe, aza arabisoma yongera abisiga ya
mavuta.
Wa Mufarizayo yamutumiye abibonye, yibwira ati: «Iyo uyu muntu aba yari
umuhanuzi, yari kumenya uyu mugore amukorako uwo ari we n’ukuntu agenze, ko ari
umucummuzi.» Yezu na we amubwira ati: «Simoni, hari ico ngomba kukubwira.» Na
we ati: «Yaga, Mukama.» Yezu aramwishura
ati: «Hari uwari afise abamufitiye imyenda babiri: umwe yari amufitiye
amadenariyo amajana atanu, uwundi mirongo itanu. Babuze ico bishura,
abarekurira bompi. None, muri bompi, uwuzomukunda kuruta uwundi ni nde?» Simoni
aramubwira ati: «Ngira ngo ni uwarekuriwe umwenda munini.» Yezu aramubwira ati:
«Waharashe!»
Ahindukiye araba wa mugore, abwira Simoni ati: «Uyu mugore uramubona?
Ninjiye mu nzu yawe, ntiwansuka amazi ku birenge; ariko we, kuva aho yinjiriye,
yabibombekesheje amosozi yiwe, abihanaguza imishatsi yiwe. Ntiwansomye, ariko
we, kuva aho yinjiriye, ntiyigeze ahengeshanya gusoma ibirenge vyanje. Umutwe
wanje ntiwawusize, ariko we, ibirenge vyanje yabisize amavuta amota neza. Ni co
gituma, ndabikubwiye, ibicumuro vyiwe vyinshi biragiriwe ikigongwe, kuko
yerekanye urukundo rwinshi, ariko uwo ba rekuriye bike yerekana urukundo ruke.»
Araheza abwira wa mugore ati: «Ibicumuro vyawe biragiriwe ikigongwe.» Abo
bari kumwe ku meza batangura kwiyumvira bati: «Uyu muntu arekura ibicumuro ni
umuntu nyabaki?» Yezu rero abwira nya mugore ati: «Ukwemera kwawe kwagukijije,
genda amahoro.»