Ivyo dusoma mu gitabu c'Umuhanuzi Izaya (40, 1-11)
Imana yanyu yavuze iti: «Horahoze, horahoze igihugu canje, nimusubirize umutima mu nda Abanyayeruzalemu. Babwire muti: Akazi kanyu kararangiye, igicumuro canyu cishuwe;Umukama yarabahanye ikirenga kabiri ku bicumuro vyanyu.»
Ijwi risemerera riti: «Nimuharurire Umukama ibarabara mu gahinga, muharurire Imana yacu inzira igororotse mw'idonzi. Umubande wose ufurirwe, umusozi n'umutumba wose uringanizwe,ahari imanga hose hongere hasase, na ho ahaduga nk'uruti rw'icumu haringanizwe. Niho ubuninahazwa bw'Umukama buzokwibonekeza, kandi nta wuzosigara atabubonye, kuko Umukama yarivumereye.»
Ijwi rivuga riti: «Semerera!»Nanje nkishura nti: «Nsemerere iki?» «Zina muntu wese ameze nk'icatsi,ubuninahazwa bwiwe bwose bumeze nk'ishurwe ry'icatsi:icatsi kiruma, ishurwe rigahunguruka, iyo impemu z'Umukama zibihushe. Nka ko nyene, abantu bameze nk'ivyatsi. Icatsi kiruma, ishurwe rigahunguruka,ariko Ijambo ry'Imana yacu rizokwamaho imyaka yose.»
Wewe uzaniye Siyoni inkuru nziza,duga ku musozi muremure. Wewe uzaniye Yeruzalemu inkuru nziza, vuga cane ushimitse. Tereza akamo, ntutinye. Ubwire ibisagara vy'Ubuyuda, uti:Ng'iyo Imana yanyu! Ng'uwo Umukama Imana, azananye ububasha. Ukuboko kwiwe kuzomugarurira vyose. Raba, azoza azanye ivyo yatsindiye vyose kandi ingero yiwe yamutanze imbere. Azoragira ubusho bwiwe nk'umwungere, azoterura imyagazi mu maboko,ayitware ku gikiriza,intama zonsa na zo azozibungabunga.
IZABURI 95 (96) 1-2a, 3.10ac ; 11-1
Icit.: Ng'uyo Umukama Imana, azozanana ububasha.
Vyinire Umukama akavyino gashasha, nawe si iyo uva ukagera vyinira Umukama, vyinira Umukama izina ryiwe rihezagirwe.
Nimumenyeshe intara zose ivyiza vy'agatangaza yakoze, cire agace ibihugu vyose, muti: «Umukama ari ku ngoma, ni we aca urubanza akurikije ubutungane.
Ijuru nirihimbarwe, isi na yo it?rîke,ikiyaga n'ivyo gitunze bitere akamo, imirima n'ivyamwa nibihimbarwe!
Ibiti vyo mw'idonzi binezerwe,n'uko bibonye Umukama ariko araza, ashogomanga gucira urubanza isi.
Aleluya, aleluya. Umwami, Nyenisi, araje; ni we adukura mu mvuto. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk'uko yashikirijwe na Matayo (18, 12-14)
Muri irya misi, Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: «Mbwire namwe: nk'umuntu afise intama ijana, imwe muri zo igatakara, ntaca arekera ku musozi zimwe mirongo icenda n'icenda akaja kurondera iyatakaye? Agize imana akayitora, ni ivy'ukuri ndababariye, izomutera akanyamuneza kuruta zimwe mirongo icenda n'icenda zitari zatakaye. Uko ni ko bidashimwa na So wanyu wo mw'ijuru, ko kamwe muri utwo twana gatakara.»