Ijambo ry'Imana
- IDOMINIKA YA MBERE Y'UBUSHIKIRO
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
Ku wa mbere
Ku wa kabiri
Ku wa gatatu : Yohani w´i Damasi
Ku wa kane
Ku wa gatanu
Ku wa gatandatu
Ku wa gatanu
- IDOMINIKA YA 2 Y'UBUSHIKIRO
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
Ku wa mbere
Ku wa kabiri
Ku wa gatatu
Kuwa Kane
Ku wa Gatanu
Ku wa Gatandatu
- IDOMINIKA YA 3 Y'UBUSHIKIRO
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
Ku wa mbere
Ku wa Kabiri
Ku wa Gatatu
Ku wa Kane
Ku wa Gatanu
Ku wa Gatandatu: Petero Kaniziyusi, Umusaseredoti
- IDOMINIKA YA 4 Y'UBUSHIKIRO
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
Ku wa mbere
Ku wa Kabiri
Ku wa gatatu
Ku wa kane
Ku wa gatanu
Ku wa gatandatu
- UMUSI MUKURU W'IVUKA RY'UMUKAMA
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
Ku wa mbere
Ku wa kabiri
Ku wa gatatu
Ku wa kane
UMUSI MUKURU W'UMURYANGO MWERANDA
Ku wa gatandatu
Umwaka A IDOMINIKA YA 2 Y'UBUSHIKIRO 6/12/2022
Ku wa kabiri
IGISOMWA CA MBEREIZABURIINKURU NZIZA
Ivyo dusoma mu gitabu c'Umuhanuzi Izaya (40, 1-11) 

Imana yanyu yavuze iti: «Horahoze, horahoze igihugu canje, nimusubirize umutima mu nda Abanyayeruzalemu. Babwire muti: Akazi kanyu kararangiye, igicumuro canyu cishuwe;Umukama yarabahanye ikirenga kabiri ku bicumuro vyanyu.»

Ijwi risemerera riti: «Nimuharurire Umukama ibarabara mu gahinga, muharurire Imana yacu inzira igororotse mw'idonzi. Umubande wose ufurirwe, umusozi n'umutumba wose uringanizwe,ahari imanga hose hongere hasase, na ho ahaduga nk'uruti rw'icumu haringanizwe. Niho ubuninahazwa bw'Umukama buzokwibonekeza, kandi nta wuzosigara atabubonye, kuko Umukama yarivumereye.»

Ijwi rivuga riti: «Semerera!»Nanje nkishura nti: «Nsemerere iki?» «Zina muntu wese ameze nk'icatsi,ubuninahazwa bwiwe bwose bumeze nk'ishurwe ry'icatsi:icatsi kiruma, ishurwe rigahunguruka, iyo impemu z'Umukama zibihushe. Nka ko nyene, abantu bameze nk'ivyatsi. Icatsi kiruma, ishurwe rigahunguruka,ariko Ijambo ry'Imana yacu rizokwamaho imyaka yose.»

Wewe uzaniye Siyoni inkuru nziza,duga ku musozi muremure. Wewe uzaniye Yeruzalemu inkuru nziza, vuga cane ushimitse. Tereza akamo, ntutinye. Ubwire ibisagara vy'Ubuyuda, uti:Ng'iyo Imana yanyu! Ng'uwo Umukama Imana, azananye ububasha. Ukuboko kwiwe kuzomugarurira vyose. Raba, azoza azanye ivyo yatsindiye vyose kandi ingero yiwe yamutanze imbere. Azoragira ubusho bwiwe nk'umwungere, azoterura imyagazi mu maboko,ayitware ku gikiriza,intama zonsa na zo azozibungabunga.