Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (2, 1-5)
Umukama akoraniriza intara zose mu mahoro yamaho y’Ubwami bw’Imana
Ng’iri ijambo ryahishuriwe Izaya mwene Amosi, ryerekeye intara ya Yuda na Yeruzalemu:
Mu misi izoza, agatumba kubatsweko ingoro
y’Imana
kazoba kw’isonga ry’imisozi,
gasumbe iyindi mitumba yose.
Intara zose zizokwirukirayo,
abantu isinzi bazohahurira,
bavuge bati:
«Nimuze tugende ku murambi w’Umukama,
ingo tugende mu ngoro y’Imana ya Yakobo.
Imana izotwigisha amayira yayo, natwe
dukurikire inzira yaduciriye.»
Nkako, Ibwirizwa rizova muri Siyoni,
ijambo ry’Umukama na ryo
rituruke i Yeruzalemu.
Izoshinga intahe mu makungu,
ibe umucamanza w’isinzi ry’abantu.
Inkota bazozicuramwo amasuka,
amacumu na yo bayacuremwo imihoro.
Nta gihugu kizoba kikigera inkota ikindi,
kandi ntawuzosubira kwimenyereza kurwana.
Muryango wa Yakobo, nimuze,
tugendere mu muco w’Umukama!
Aleluya, aleluya.
Muri ca gicu gica ibikeke,
ijwi rya Data rirumvikana riti:
«Uyu ni Umwananje nkunda cane:
nimumtege amatwi.»
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko
yashikirijwe na Matayo (17, 1-9)
Mu
maso hiwe hakaka nk’izuba
Umusi umwe,
Yezu yihereranije Petero na Yakobo na mwenewabo
Yohani, abajana ku mutumba muremure. Araheza arahinduka imbere yabo: mu maso
hiwe hakaka nk’izuba, impuzu ziwe na zo zaca ibibatsi nk’umuco. Buno nyene Musa
na Eliya barababonekera baganira na Yezu.
Petero rero abwira Yezu ati: «Mukama, hano
hatumereye neza! Ubishatse twohaguma, tukahaca insago zitatu, urw’iwawe n’urwa
Musa n’urwa Eliya.»
Buno nyene akivuga, igicu gica ibikeke kirabahwikira,
ijwi rikivugiramwo riti: «Uyu ni Umwananje nkunda cane mfise ku mutima;
nimumutege amatwi!»
Ba bigishwa ngo bumve iryo jwi, barahundagara,
bagwa igihumura, bubika amaso hasi. Hanyuma Yezu arabegera, arabakorako,
ababwira ati: «Ve hasi kandi mureke gutinya!» Na bo ngo bataramure amaso,
ntihagira uwundi babona atari Yezu we musa.
Bariko baramanuka bava kuri nya musozi, Yezu ababwira
ati: «Ntihagire uwo muzobwira ico mwabonye, Umwana w’umuntu atamaze kwizura mu
bapfuye.»
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi (6, 12-16)
Abarondera ubwitonzi
baraburonka
Ubwitonzi burasayangana kandi ntibutituka. Ababukunda barabutangarira
bitabagoye na gato, ababurondera baraburonka. Ababurondera burabiyegereza,
bukaba ari bwo butangura kubiyereka. Uwutanguranwa n’umutwenzi mu kuburondera
arahiriwe, kuko azobusanga kw’irembo. Uwubukurikirana ni incabwenge, kandi
uwubuteramira ntazoteba gutunganirwa. Bwo nyene bukwira imirambi burondera
ababubereye, bukabiyerekana akamwemwe mu mayira kandi bugategera ivyipfuzo
vyabo vyose.