Ijambo ry'Imana
- IDOMINIKA YA 4 Y'IKAREMA
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
YOZEFU MWERANDA, UMUKUNZI WA BIKIRA MARIYA
ku wa kabiri
Ku wa gatatu
Ku wa kane
Ku wa gatanu
UMUSI MUKURU W'IBURWA RY'UMUKAMA
- IDOMINIKA YA 5 Y'IKAREMA
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
Ku wa mbere
Ku wa kabiri
Ku wa gatatu
Ku wa kane
Ku wa gatanu
Ku wa gatandatu
IDOMINIKA YA GATANU YO MW'IKAREMA
- IDOMINIKA Y'IBISANDASANDA
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
Ku wa gatanu mweranda
Ku wa mbere
Ku wa kabiri
Ku wa gatatu
Ku wa kane mweranda
Ku wa gatandatu mweranda
- UMUSI MUKURU WA PASIKA
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
KU WA MBERE
Ku wa kabiri
Ku wa gatatu
Ku wa kane
ku wa gatanu
Ku wa gatandatu
- UMUSI MUKURU W'IKIGONGWE C'IMANA
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
KU WA MBERE
Ku wa kabiri
Ku wa gatatu
Ku wa kane
Ku wa gatanu
Ku wa gatandatu
Umwaka A IDOMINIKA YA 5 Y'IKAREMA 29/3/2023
Ku wa gatatu
IGISOMWA CA MBEREIZABURIINKURU NZIZA

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Daniyeli (3, 14-20.24-25.28)

Muri irya misi, umwami Nabukodonozori yavuze ati: «Mbega, Shadaraki, Meshaki na Habedi Nego, mwanse gukorera imana zanje muranka gupfukamira ca kigereranyo c’inzahabu nacurishije? None, nimwumva inzamba, umwironge, umunahi, umuduri, inanga, irango, eka icitwa ururirimbo cose, muremeye gukubita ibipfukamiro hasi n’ugusenga ico kigereranyo nacurishije? Mutabigize, muzoca mutabwa mu nyenga y’umuriro; mbe, hari ikimana kiriho coshobora kubakiza ukuboko kwanje?»

Shadaraki, Meshaki na Habedi Nego bishuye umwami Nabudonozori bati: «Nta kamaro tubona ko kukwishura. Ni yaba Imana dukorera ishobora kudukura muri iyo nyenga y’umuriro no mu minwe yawe izohadukura. N’itabigira naho, Mwami, menya ko ico kigereranyo c’inzahabu wacurishije tutazogikorera kandi tutazogisenga.» Umwami yapfuye kuvyumva, ishavu rica riramuniga, mu maso harahindurira imbere ya Shadaraki, Meshaki na Habedi Nego. Aca ategeka ko bacana muri iyo nyenga indwi gusumba uko bahora bacana, yongera kandi ategeka abagabo b’inguvu kuboha Shadaraki, Meshaki na Habedi Nego , kugira ngo babate muri iyo nyenga y’umuriro.

Hanyuma naho, umwami Nabukodonozori arasimbwa n’umutima, aca arahagarara n’ingoga. Arabaza abiwe ati: «Mbega, harya ntitwatereye mu muriro abantu batatu baboshwe?»  Baramwishura bati: «Koko, ni abo, Muhanyi.» Na we ati: «Erega, ndabona abantu bane babohoye, bagendagenda mu muriro hagati, kandi ntaco babaye; kandi uwa kane asa n’umwana w’imana.»

Nabukodonozori abibonye arasemerera ati: «Nihaninahazwe Imana ya Shadaraki, Meshaki na Habedi Nego, yo yarungitse umumarayika wayo gukiza abasavyi bayo bayizigiye, bakagambararira itegeko ry’umwami, maze bagashima ko imibiri yabo itabwa mu mbeya, hako bakorera canke bagasenga ikindi atari Imana yabo.»