Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Daniyeli (3, 14-20.24-25.28)
Muri irya misi, umwami Nabukodonozori yavuze ati: «Mbega, Shadaraki, Meshaki
na Habedi Nego, mwanse gukorera imana zanje muranka gupfukamira ca kigereranyo
c’inzahabu nacurishije? None, nimwumva inzamba, umwironge, umunahi, umuduri,
inanga, irango, eka icitwa ururirimbo cose, muremeye gukubita ibipfukamiro hasi
n’ugusenga ico kigereranyo nacurishije? Mutabigize, muzoca mutabwa mu nyenga
y’umuriro; mbe, hari ikimana kiriho coshobora kubakiza ukuboko kwanje?»
Shadaraki, Meshaki na Habedi Nego bishuye umwami Nabudonozori bati: «Nta
kamaro tubona ko kukwishura. Ni yaba Imana dukorera ishobora kudukura muri iyo
nyenga y’umuriro no mu minwe yawe izohadukura. N’itabigira naho, Mwami, menya
ko ico kigereranyo c’inzahabu wacurishije tutazogikorera kandi tutazogisenga.»
Umwami yapfuye kuvyumva, ishavu rica riramuniga, mu maso harahindurira imbere
ya Shadaraki, Meshaki na Habedi Nego. Aca ategeka ko bacana muri iyo nyenga
indwi gusumba uko bahora bacana, yongera kandi ategeka abagabo b’inguvu kuboha Shadaraki,
Meshaki na Habedi Nego , kugira ngo babate muri iyo nyenga y’umuriro.
Hanyuma naho, umwami Nabukodonozori arasimbwa n’umutima, aca arahagarara
n’ingoga. Arabaza abiwe ati: «Mbega, harya ntitwatereye mu muriro abantu batatu
baboshwe?» Baramwishura bati: «Koko, ni
abo, Muhanyi.» Na we ati: «Erega, ndabona abantu bane babohoye, bagendagenda mu
muriro hagati, kandi ntaco babaye; kandi uwa kane asa n’umwana w’imana.»
Nabukodonozori abibonye arasemerera ati: «Nihaninahazwe Imana ya Shadaraki,
Meshaki na Habedi Nego, yo yarungitse umumarayika wayo gukiza abasavyi bayo
bayizigiye, bakagambararira itegeko ry’umwami, maze bagashima ko imibiri yabo
itabwa mu mbeya, hako bakorera canke bagasenga ikindi atari Imana yabo.»
URURIRIMBO RWA DANIYELI
Uragahezagirwa, Mukama, Mana y’abasokuru.
Icit.: Uragahezagirwa kandi uragashemezwa imyaka yose!
Izina ryawe rininahaye kandi ritagatifu ni rihezagirwe.
Icit.: Uragahezagirwa kandi uragashemezwa imyaka yose!
Uragahezagirwa mu ngoro nyeranda y’ubuninahazwa bwawe.
Icit.: Uragahezagirwa kandi uragashemezwa imyaka yose!
Uragahezagirwa ku ntebe y’ubwami bwawe.
Icit.: Uragahezagirwa kandi uragashemezwa imyaka yose!
Uragahezagirwa, Wewe uzi imanga.
Icit.: Uragahezagirwa kandi uragashemezwa rniyaka yose!
Wewe uhangamye hejuru y’abamarayika.
Icit.: Uragahezagirwa kandi uragashemezwa imyaka yose!
Uragahezagirwa mu kirere co mw’ijuru.
Icit.: Uragahezagirwa kandi uragashemezwa imyaka yose!
Ukaninahazwa, Kristu, wewe Jambo ryamaho ry’Imana nzima. Imana yakunze isi gushika itange Umwana wayo w’ikinege; maze, uwumwemera wese
azoronke ubuzima budahera. Urakaninahazwa, Kristu, wewe Jambo ryamaho ry’Imana nzima.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (8, 31-42)
Muri irya misi, Yezu abwira Abayuda bari bemeye ati: «Nimwagumya ijambo
ryanje, muzoba vy’ukuri abigishwa banje. Muzomenya ukuri, maze ukuri kuzobagira
abidegemvya.» Baramwishura bati: «Turi bene Aburahamu, vyongeye nta we twigeze
tujakarira. Ushobora kutubwira ute ngo: muzohinduka abidegemvya?»
Yezu abishura ati: «Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye uwukora igicumuro wese
ni umuja w’igicumuro. Vyongeye, umuja ntahora mu nzu, umwana we arahaguma.
Mwana rero niyabagira abidegemvya, muzokwidegemvya mu kuri. Ndazi ko mu ri bene
Aburahamu, yamara ntibibabuza kungenza ngo munyice, kuko ijambo ryanje
ritabanyura. Mvuga ico nabonye kwa Data, namwe mugakora ico so yabigishije.»
Baramwishura bati: «Data ni Aburahamu.» Yezu ababwira ati: «Iyo muba mwari
bene Aburahamu, mwari gukora ibikorwa vya Aburahamu. Ariko none, murondera
ingene mwonyica, jewe mbabwiye ukuri numvise ku Mana. Ivyo Aburahamu
ntiyabikoze! Mwebwe mukora ibikorwa vya so.» Baramwishura bati: «Ntituri abana
b’igisanze, nta wundi dawe dufise atari Imana.» Yezu arababwira ati: «Iyo Imana
iba yari so, ntimwobuze kunkunda, kuko ku Mana ari ho navuye nkaza, vyongeye
sinaje niraritse, ni we yantumye.»