Ijambo ry'Imana
- IDOMINIKA YA MBERE Y'UBUSHIKIRO
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
Ku wa mbere
Ku wa kabiri
Ku wa gatatu : Yohani w´i Damasi
Ku wa kane
Ku wa gatanu
Ku wa gatandatu
Ku wa gatanu
- IDOMINIKA YA 2 Y'UBUSHIKIRO
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
Ku wa mbere
Ku wa kabiri
Ku wa gatatu
Kuwa Kane
Ku wa Gatanu
Ku wa Gatandatu
- IDOMINIKA YA 3 Y'UBUSHIKIRO
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
Ku wa mbere
Ku wa Kabiri
Ku wa Gatatu
Ku wa Kane
Ku wa Gatanu
Ku wa Gatandatu: Petero Kaniziyusi, Umusaseredoti
- IDOMINIKA YA 4 Y'UBUSHIKIRO
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
Ku wa mbere
Ku wa Kabiri
Ku wa gatatu
Ku wa kane
Ku wa gatanu
Ku wa gatandatu
Umwaka A IDOMINIKA YA MBERE Y'UBUSHIKIRO 27/11/2022
IDOMINIKA YA 1 Y'UBUSHIKIRO
IGISOMWA CA MBEREIZABURIIGISOMWA CA KABIRIINKURU NZIZA

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (2, 1-5)

Umukama akoraniriza intara zose mu mahoro yamaho y’Ubwami bw’Imana

Ng’iri ijambo ryahishuriwe Izaya mwene Amosi, ryerekeye intara ya Yuda na Yeruzalemu:

Mu misi izoza, agatumba kubatsweko ingoro y’Imana

kazoba kw’isonga ry’imisozi,

gasumbe iyindi mitumba yose.

Intara zose zizokwirukirayo,

abantu isinzi bazohahurira, bavuge bati:

 

«Nimuze tugende ku murambi w’Umukama,

ingo tugende mu ngoro y’Imana ya Yakobo.

Imana izotwigisha amayira yayo, natwe dukurikire inzira yaduciriye.»

Nkako, Ibwirizwa rizova muri Siyoni,

ijambo ry’Umukama na ryo rituruke i Yeruzalemu.

Izoshinga intahe mu makungu,

ibe umucamanza w’isinzi ry’abantu.

Inkota bazozicuramwo amasuka,

amacumu na yo bayacuremwo imihoro.

Nta gihugu kizoba kikigera inkota ikindi,

kandi ntawuzosubira kwimenyereza kurwana.

Muryango wa Yakobo, nimuze, tugendere mu muco w’Umukama!


UKWIHINDURA KUMUKAMA
IGISOMWA CA MBEREIZABURIIGISOMWA CA KABIRIINKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

 

Muri ca gicu gica ibikeke,

ijwi rya Data rirumvikana riti:

«Uyu ni Umwananje nkunda cane:

nimumtege amatwi.»

 

Aleluya.

 

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (17, 1-9)

 

Mu maso hiwe hakaka nk’izuba

 

Umusi umwe,

Yezu yihereranije Petero na Yakobo na mwenewabo Yohani, abajana ku mutumba muremure. Araheza arahinduka imbere yabo: mu maso hiwe hakaka nk’izuba, impuzu ziwe na zo zaca ibibatsi nk’umuco. Buno nyene Musa na Eliya barababonekera baganira na Yezu.

Petero rero abwira Yezu ati: «Mukama, hano hatumereye neza! Ubishatse twohaguma, tukahaca insago zitatu, urw’iwawe n’urwa Musa n’urwa Eliya.»

Buno nyene akivuga, igicu gica ibikeke kirabahwikira, ijwi rikivugiramwo riti: «Uyu ni Umwananje nkunda cane mfise ku mutima; nimumutege amatwi!»

Ba bigishwa ngo bumve iryo jwi, barahundagara, bagwa igihumura, bubika amaso hasi. Hanyuma Yezu arabegera, arabakorako, ababwira ati: «Ve hasi kandi mureke gutinya!» Na bo ngo bataramure amaso, ntihagira uwundi babona atari Yezu we musa.

Bariko baramanuka bava kuri nya musozi, Yezu ababwira ati: «Ntihagire uwo muzobwira ico mwabonye, Umwana w’umuntu atamaze kwizura mu bapfuye.»

IDOMINIKA YA 32 YO MU MWAK
IGISOMWA CA MBEREIZABURIIGISOMWA CA KABIRIINKURU NZIZA

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi (6, 12-16)

 

Abarondera ubwitonzi baraburonka

 

Ubwitonzi burasayangana kandi ntibutituka. Ababukunda barabutangarira bitabagoye na gato, ababurondera baraburonka. Ababurondera burabiyegereza, bukaba ari bwo butangura kubiyereka. Uwutanguranwa n’umutwenzi mu kuburondera arahiriwe, kuko azobusanga kw’irembo. Uwubukurikirana ni incabwenge, kandi uwubuteramira ntazoteba gutunganirwa. Bwo nyene bukwira imirambi burondera ababubereye, bukabiyerekana akamwemwe mu mayira kandi bugategera ivyipfuzo vyabo vyose.